Accueil > Inkino > FOOTBALL > Laudit MAVUGO yinjije ibitsindo vyose vy’INTAMBA MU RUGAMBA
Laudit MAVUGO yinjije ibitsindo vyose vy’INTAMBA MU RUGAMBA
samedi 17 Gitugutu 2015, par
Abakinyi ba Ethiopie batsindiwe i Bujumbura ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore mu rukino rwa mbere rwabahuje n’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi INTAMBA MU RUGAMBA. Urukino rwaheze ku ntsinzi y’ibitsindo bibiri vy’Uburundi, ku busa bwa Ethiopie.
Igitsindo ca mbere c’umurwi w’Uburundi cinjijwe na Laudit MAVUGO, urukino rugitangura, ku munota wa kabiri, ku mupira mwiza yaronse. Ica kabiri cinjiye ku munota wa 92, cinjijwe na Laudit MAVUGO, umusatirizi w’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi asanzwe akinira umurwi wa Vital’O.
Urwo rukino rwabereye i Bujumbura kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 17 Gitugutu 2015, rwari mu rukurikirane rw’inkino z’ugukurakuranamwo, imirwi yitegurira ihiganwa rya Afrika, ry’imirwi nserukiragihugu y’abakinyi bakina mu bihugu iwabo. Iryo higanwa rizobera mu gihugu c’Urwanda mu mwaka w’2016.
Abakinyi b’INTAMBA MU RUGAMBA batangura mu kibuga ni ARAKAZA Mc Arthur, Kiza, Rashid Leon, David, Issa, Gael Duhayindavyi (Kizigenza), Pistis, Abbas, Shassir, Hassan hamwe na Laudit MAVUGO yinjije ibitsindo bibiri vy’Uburundi.
Abasubirizi yari Omar, Vianney Okocha, Nassor, Youssufu Ndikumana (Lule), Rugonumugabo Stephane, Claude hamwe na Francis.
IGIHE
Messages
17 Gitugutu 2015, 19:25, par Patrick
Ndashimiye intamba murugamba kwiteka ziteye Uburundi Imana nibaje imbere
17 Gitugutu 2015, 19:26, par Patrick
Ndashimiye intamba murugamba kwiteka ziteye Uburundi Imana nibaje imbere
17 Gitugutu 2015, 19:39, par ISAI
bakwiy gukina nimirwi yiburaya:FC B,NA REA
17 Gitugutu 2015, 20:14, par 69089134
ABAKINYI BINTAMBA BASIGAYE ARINTWARI BASI ARIKOHOMFITIYIMPUNGENGE NURURUKINO RUZOBAHUZA NAKONGO
18 Gitugutu 2015, 00:45, par None?
Intamba mu Urugamba zarahiye zirarengwa kwarimpaka berekane kobavutse nkuko nabandi bavutse muguteriteka ibihugu cabo cu Burundi. Ndabakeje nukuri murabagabo bukuri, ndabakeje muranteye agateka kandimukitera, tsimbatara mugihugucanyu.
18 Gitugutu 2015, 09:05, par INTAGOHEKA
NDAKEJE UMUGWI NSERUKIRAGIHUGU WARAY UDUTEYITEKA NKABABAZWA NABANTUBESHI BANDIKA KURIKI KINYAMAKURU BATAKEJE INTAMBA MURUGAMBA BIBONEKEZA CAND IYOHAPFUYUMUNTU NOMUVYAPORITIE NIMUHINDURINGENDO
18 Gitugutu 2015, 13:42, par Bitangimana
Komera mubandanye muteriteka igihugu cacu.Imana ibahezagire.
18 Gitugutu 2015, 20:51, par BARUTWANAYO Prosper
Ntibitangaje Kuko ntibasumba Seichelles,mbere na RDC kuri le 08/11/2015 baragaba ni uko!
18 Gitugutu 2015, 22:07, par Avec
Umurwi nseruikiragihugu cacu cu Burundi Intamba mu Rugamba ndawukeje uraduteye iteka, ndakeje nuwonokwita umugisha wu Burundi ariwe MAVUGO bagenziwe bakinana baramukiniraneza nawe akabashimisha bimwe biboneka. Ariko nababajwe numurundi asanzwe arumugenziwanje nabwiye ko abakinyinserukiragihugu bicihugucacu bakomeje kuduteriteka nawengo ntavyonitayeho atikomengowamukuna gutemberera ikinyamakuru Igihe vyakugendeyegute kobabishizeko? Acambwira ngonabibonye ngoheshi jewe nkundagusoba ibijanye nuko mbanumviseko harahantu hahungabanye umutekano, nanjenti ivyizavyo ntacobikwungura mukunezerwa? acavugango sinzinyene impamvu ngwariko nkundakwitahogusomacane ahombonye umutekano ubawahungabanye etc.
19 Gitugutu 2015, 11:50, par kamaro
ibi biranezereje! umurundi ahoarihose akwiye guteriteka igihuguciwe, nivyo hari ibitagendaneza ariko hari ibugendaneza navyo tubivuge...
19 Gitugutu 2015, 12:07, par kamaro
aba bakinyi ndabashimiye, Niki kinyamakuru ndagishimiye mubandanye kuduha ayandi makuru aremesha...nkahantu harumutekano mwishi gusumbahandi, mugisagara no muntara....
19 Gitugutu 2015, 14:30, par karorero
nukuri kamaro ivyo uvuze nivyo bareke kutubwira amatangazo yukubika,nibavuge aharamahoro hoba abagabo batanu nkawewe KAMARO NA AVEC hamwe na jew KARORERO muburundi hoterimbere murakoze.
20 Gitugutu 2015, 09:23, par sakala
Turakenjintamba urugambakukungne zirikozivyifatamoneza cane Imana ishishikare ibajimbere nabasigaye bazobatsinde.
20 Gitugutu 2015, 14:35, par NDABIVUGE
Félicitations INTAMBA mu Rugamba bana bacu .Naho coatch adjoin ar’isambo c’umuda gihora conona kenshi ubu ngira nta jambo gifise ahandi ho twobayabanyuma kuko kirya ntikizobahende no gukoca ntavyo kizi n’ukwiyemera gusa.
21 Gitugutu 2015, 12:42, par Sebastien
JEWE NDABONA UBURUNDI BWATEYE IMBER URAVY ABAKINY BUFIS RER BAHUZ NA BARCELONA INYISHU
21 Gitugutu 2015, 15:51, par Kanyosha
Mubakinyi bi Ntamba mu Rugamba ukuyemwo umwemuribo ukamutuka ubushavujebose ariku utanze imbanuro bose baranezerwa. Ninkakurya kwumubiri uvuzengo ugirirenabi icara cokwino, amaguruyose nu mutwe, namabokoyose (umuburiwose) urababara. Ariko aharwaye uhitayeho ukahavura numutimamwiza vyabihimbavyose vyumubiri biraheza navyobikanezerwa. Ivyondabivuze kubera umuntungaha avuze ngwarakunda Intamba mu Rugamba ariko akibasira uwoyise Couch wumuda! Ariko wawabivugana urupfasoni vyarikubavyiza twese twamatwabaterereye ivyiyumviro ariko twicishabugufi tubereka nurukundo rwishi icogikorwa cabadashoboye nigikorwacabo caburimusi .
21 Gitugutu 2015, 18:42, par Ndayishimiye Joseph
Ndashima Ukunt Bitway Arik Ntibashir Agti Muryinyo Btegur Bihagje
22 Gitugutu 2015, 19:47, par Bayubahe Almas
Equipe Yacu Isigaye Itunezereza Cane Courage Entrainement Kaze Laudit Tunezereze