IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Laurent Kavakure yemeye ibiganiro ku kibazo ca Isidore Rufyikiri

Laurent Kavakure yemeye ibiganiro ku kibazo ca Isidore Rufyikiri

mardi 4 Ruhuhuma 2014

Umushikiranganji Laurent KAVAKURE ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu yarakiriye ku munsi w’ejo intumwa z’abaserukira abanyaburaya mu Burundi bagizwe n’uwuserukira ishirahamwe ry’abanyaburaya mu Burundi, abaserukira mu Burundi ibihugu vy’Ubudagi, Ubufaransa, Ubuhorande, hamwe n’uwujejwe gutunganya ibikorwa mu buserukizi bw’ingoma y’Ububirigi mu Burundi. Muri uwo mubonano n’umushikiranganji Laurent Kavakure, baganiriye kuri bimwe mu bibazo bihanze ubuzima bw’igihugu.

Ikibazo c’ikurwa rya Bernard Busokoza yahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, ukunyinyurana kwibonekeza mu mugambwe UPRONA, hamwe n’ikibazo c’umushingwamanza Isidore Rufyikiri aheruka gukurwa mu rwego rw’abashingwamanza mu Burundi, nivyo vyagarutse muri uwo mubonano.
Ku bijanye n’umushingwamanza Isidore Rufyikiri yakuwe mu rwego rw’abashingwamanza mu Burundi, Laurent Kavakure yasiguye ko uwo mushingwamanza ariko akurikiranwa mu butungane kubera ivyo ashikiriza bishobora gufungabanya umutekano mu gihugu.
Umushikiranganji Laurent Kavakure yaremeye ko Reta y’Uburundi izokwakira amashirahamwe yose azokenera guterera ivyiyumviro na Reta ku bijanye n’ingene ikibazo c’umushingwamanza Isidore Rufyikiri cotorerwa inyishu.

JPEG - 37.7 ko
Laurent Kavakure, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu

Mu gihe haheze iminsi itatu uwahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Bernard Busokoza akombowe muri ayo mabanga n’umukuru w’igihugu, Laurent Kavakure yamenyesheje ko abantu batari bakwiye kubandanya baduza ibihuha, ahubwo ko borindira mu kwizera ko ibibazo biri mu mugambwe UPRONA vyotorerwa inyishu mu mwanya wa vuba.

Izo ntumwa z’abaserukira abanyaburaya mu Burundi zasavye ko Reta y’Uburundi yokwerekana aho ihagaze kuri ivyo bibazo vyose bihanze igihugu c’Uburundi, Reta yongere isohore ubutumwa bw’ihumure ku makungu, itibagiye kubandanya kwama ishira imbere inzira y’ibiganiro, ari nayo izoshikana igihugu mu matora yo mu mwaka w’2015 mu mahoro n’umutekano.

Umushikiranganji Laurent KAVAKURE yaremeye ko Reta y’Uburundi izokora ibishoboka vyose kugira amatora azobe mu bwigenge, ku mugaragaro, kandi mu mahoro.


Egide Nduwimana

Messages

  • Iyo buba ubw’umwe bwari ikind.Kimwe gusa imitwe yabagugunyi yaramaze kumenyekana.USA na buraya badufashe batorere umuti Kadafi w’i Burundi!!Mbe DD nibo bize bonyene ?Get lessons from overseas guys mutaraja muri ICC

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.