Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
League des champions: Arsenal washitse mu gice c’umunani gishira ica nyuma (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > League des champions: Arsenal washitse mu gice c’umunani gishira ica nyuma (...)

League des champions: Arsenal washitse mu gice c’umunani gishira ica nyuma bitoroshe

jeudi 10 Kigarama 2015

Umurwi wa Arsenal wo mu Bwongereza waronse uburenganzira bwo gukina igice c’umunani gishira ica nyuma mw’ihiganwa rya Champions League rihuza imirwi yabaye iya mbere mu bihugu vyayo ku mugabane wa Buraya,inyuma yo gutsinda umurwi wa Olympiakos wo mu Bugiriki.

Mu rukino rwabaye kuri uno wa gatatu igenekerezo ra 9 Kigarama 2015,umurwi wa Arsenal waronse uburenganzira bwo kubandanya bitoroshe.

Umurwi wa Arsenal wategerezwa kwinjiza ibitsindo birenga bibiri mw’izamu rya Olympiakos,ivyo navyo ntivyari vyoroshe mu gihe umurwi wa Olympiakos wakinira ku kibuga cawo.

Ku munota wa 29 niho umukinyi Olivier Giroud ava mu gihugu c’Ubufaransa yinjiza igitsindo ca mbere,atsinda ikindi ku munota wa 49.

Umurwi wa Arsenal waronse uburenganzira bwo kubandanya ihiganwa,inyuma y’igitsindo ca gatatu cinjijwe na Olivier Giroud ku munota wa 67 w’urukino,ruca rurangira ari ibitsindo bitatu vya Arsenal ku busa bwa Olympiakos.

Mu gice c’umunani gishira ica nyuma, umurwi wa Arsenal ushobora guhura n’imirwi ikomeye nka FC Barcelona, Real Mardid canke Atletico Madrid yabaye iya mbere mu mirwi yarimwo.

Mu zindi nkino zabaye kuwa gatatu,imirwi yatsindanye gutya :
Bayern Levkn 1-1 Barcelona
Olympiakos 0-3 Arsenal
Chelsea 2-0 FC Porto
Valancia 0-2 Lyon
AS Roma 0-0 Bate Bor
Dinamo Zagreb 0-2 Bayern Munich
Dynamo Kiev 1-0 Maccabi Tel-Aviv
KAA Gent 2-1 Zenit St Petersburg


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.