Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Leo-Econet : Basabwa ko ihiganwa "Ni Hatari" ryokwama riba mu ntango (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > Leo-Econet : Basabwa ko ihiganwa "Ni Hatari" ryokwama riba mu ntango (...)

Leo-Econet : Basabwa ko ihiganwa "Ni Hatari" ryokwama riba mu ntango z’umwaka

mardi 13 Nzero 2015

Kuva ihiganwa "Ni Hatari" ritangujwe n’amashirahamwe ya Econet na Leo, ku munsi ku munsi umuriyoni w’amahera y’amarundi uratangwa ku bakina.

Ivyo biri uko mu gihe ku magenekerezo ya 10, 12 na 13 hatanzwe imiriyoni zitatu z’amarundi ku bagabo batatu batsinze mw’ihiganwa "Ni Hatari". Abo ni Manirakiza Egide avuka akaba mu ntara ya Ruyigi yatsinze kw’igenekerezo rya 10 Nzero, Bizimana Jean Gervain umuhumure w’umwigisha yatsinze bukeye bw’aho kw’igenekerezo rya 12 Nzero hamwe na Nduwayo Cyriaque yatsinze kw’igenekerezo rya 13 uko kwezi nyene.

Nk’uko ihiganwa risanzwe ritunganije, uwatsinze bamuhamagara kuri nomero yakinishije mu kwishura vya bibazo, yitavye bamubwira ko yatsindiye umuriyoni wose w’amahera y’amarundi. Abo bose bemeza ko bakangutswe bumvise babwiwe ko batsindiye amahera nk’ayo, kuko benshi bavuga ko atavyo bari biteze. Hari n’abavuga ko bakinye basa n’abacokoza ari naco gituma bagwa mu gahundwe bumvise baronse umuriyoni batari biteze.

Basaba amashirahamwe ya Econet na Leo ko bokwama batanga amahigwe nk’ayo ku mwaka ku mwaka cane cane mu ntango z’umwaka kuko haba hari ubukene mu miryango. Bizimana Jean Gervain abivuga neza. "Ayo mahera aje mu gihe ciza kuko abigisha tuba duheruka mw’ikonji, gusubiza abana ku mashuri bitwara amahera menshi tutibagiye n’iminsi irangiza umwaka."


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.