Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Leo na Econet zasubiriye gutanga uwundi muriyoni mw’ihiganwa "Ni (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Leo na Econet zasubiriye gutanga uwundi muriyoni mw’ihiganwa "Ni (...)

Leo na Econet zasubiriye gutanga uwundi muriyoni mw’ihiganwa "Ni Hatari"

samedi 10 Nzero 2015

Amashirahamwe Econet na Leo abandanya atanga amahigwe yo kuronka imiriyoni z’amarundi ku banywanyi bayo batarushe biciye mw’ihiganwa "Ni Hatari". ku munsi ku munsi umuriyoni w’amarundi urasohoka uvuye muri ayo mashirahamwe.

Kw’igenekerezo rya 08 Nzero, ihiganwa rya "Ni Hatari"ryatsindiye uwitwa Niyokwizera Floribert. Uwo yatsinze co kimwe n’abandi bamaze gutsindira uwo muriyoni muri iryo higanwa eka n’abandi banywanyi bayo mashirahamwe bavyipfuza barariye gustindira imiriyoni 10 z’amarundi.

Tubibutseko ihiganwa "Ni hatari"riraba abanywanyi bari mu mihora ya Leo na Econet, mu gukina urungika ubutumwa bugufi"sms" ku nomero "888" ugaca utora ururimi ushaka gukinamwo, wiyumva cane mu Kirundi urungika ku rudome K, ushaka igifaransa, urungika ku rudome F n’urudome S ku bumva cane igiswahil. Uca wishura ibibazo bimwe bijanye n’urukundo, ibijanye n’inkino, utuntu n’utundi hamwe n’ibibazo k’Uburundi. Ihiganwa rizorangira kw’igenekerezo rya 23 Nzero 2015.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.