Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Léonce Ngendakumana : Hakwiye kuza abategetsi biyumvamwo iragi rya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Léonce Ngendakumana : Hakwiye kuza abategetsi biyumvamwo iragi rya (...)

Léonce Ngendakumana : Hakwiye kuza abategetsi biyumvamwo iragi rya Ndadaye

mardi 21 Gitugutu 2014

Mu Burundi hariho ibimenyetso vya demokarasi n’ubwo abantu batotezwa, kuko abanyagihugu barashikiriza ico biyumvira bakwongera bakanamenya ivyabo ingene biriko biratunganywa, nkuko bishikirizwa na Leonce Ngendakumana, umukuru w’umugambwe Sahwanya Frodebu.

Kubw’uwo arongoye umugambwe washinzwe na Ndadaye Melchior, incungu ya Demokarasi mu Burundi, hari amashirahamwe, amaradiyo, imigambwe n’ubwo yaciwemwo imice, isemerera ikavuga ibitangenda mur’iki gihugu mu bisata vyose. Igisigaye n’uko haza abategetsi, intwaro n’inzego biyumvamwo iragi rya Ndadaye ko umugambwe utsinze utaba utsindiye abanywanyi bawo ahubwo uba utsindiye abanyagihugu bose.

Léonce Ngendakumana yabishikirije kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 21 Gitugutu 2014, mu gihe Uburundi buriko bwibuka imyaka 21 irangiye umuhisi Melchior Ndadaye agandaguwe bunyamaswa n’akarwi k’abasirikare, mu nyuma naho hakaba haciye hakurikira ubwicanyi bw’agahomerabunwa.

Ibirori vyo kwibuka iyo ncungu ya demokarasi vyatangujwe n’inkuka y’imisa yasomewe kuri Cathédrale Regina Mundi na musenyeri Evarisito Ngoyagoye. Vyaciye bibandaniriza ku cibutso c’iyo ncungu aho abategetsi batandukanye bashize ingori z’amashurwe ku ntatemwa y’uwo muhisi. Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza n’umupfasoni wiwe, abaserukira ibihugu vyabo hano mu Burundi, imiryango y’abiciwe rimwe na Ndadaye, imigambwe yemewe n’amategeko, n’abandi. Inyuma yaho haciye haba umwanya w’agacerere baca bashiramwo ijambo ry’umuhisi Melchior Ndadaye yashikirije ahejeje gutsinda amatora yo mu mwaka w’i 1993.

Haracari abatotezwa kubera ivyiyumviro vyabo

Abo mu mugambwe Sahwanya FRODEBU umuhisi Melchior Ndadaye akomokamwo baremeza ko hari intwaro rusangi mu Burundi n’ubwo hakiriho abatotezwa kubera ivyiyumviro vyabo. Izo nziraguhemuka zisaba abategetsi batowe gutwarira bose. Ku vyerekeye urubanza rwa Melchior Ndadaye rwandindiye rumaze imyaka 21 rutarasomwa, Léonce Ngendakumana ata ikosa ku butungane bw’Uburundi, akabwagiriza kuba butigenga kuko usanga imanza zitari nke zisomerwa mu migambwe.

Tubamenyeshe ko ivyo birori vyari vyitabwe n’abanyacubahiro batandukanye, abagize Reta y’Uburundi, umupfasoni wa Melchior Ndadaye n’umuvyeyi wa Ndadaye, hamwe n’umuryango w’iyo ncungu ya Demokarasi. Abandi bari bateye iteka ivyo birori nn bamwe muabahoze barongoye igihugu c’Uburundi Domisiyano Ndayizeye, Sylvestre Ntibantunganya, abarongoye imigambwe yemewe n’amategeko, hamwe n’abaserukira ibihugu vyabo hano mu Burundi.


Floxella KARIRE

Messages

  • ntamutegetsi numwe ashobora kukwirikiza imigambi ya ndandaye kiretse Nkuruziza.uburundi bushasha baca imitwe abantu ; abana;abakefuru;abatama;!!kwkwabira abana ba 8ans et 12ans bakarogogwa bakatwaza inda 8762 kumwaka!!!uburundibushasha amashure 23654baheba amashure kumwaka!!!!!!uburundi bushasha abahutu bose naba tutsi kuja mwibohero !!!!uburundi bushasha jewe nkurunziza muruva ko ndabwubatse

  • Mbega ko mwibuka urupfu rwa M Ndadaye hanyuma ntimukutikirane abagandaguye

  • Umutama wacu Imana imwakire kuko yatubereye akarorero mukwitanga

  • Nyakwigendera ,Ndadaye M ati:kanura burakeye twubake uburundi bushasha,uyo baca baramukimiranya biti:hwee!!!!!.Pieter Nk ati:twubake uburundi bushasha, abarundi bati:amen turakize abarimuri opposition ,naboseruye ukuri ndani muri prison ,ubucamanza abokwambitswe izera nibobambikwa ivyatsi ,mumasshure,mu bundi buzi kuva muri zone gushikanomugihugu hose.muri Leta kunyonora amatungo ya Leta,nibindi........none Uburundi bushasha buzubakwa nabande? Inkebuzo Uwutema urwiwe bamutiza umuhoro!!!!!!!!

  • Mbega ko mbona uburundi kuva buvuye mukaga katagira uko kangana hamaze gukogwa iki kubijanye nurubanza rwabagandaguye nyene icubahiro M. Ndadaye?? Mbe nikuki tutorabira kugihugu kibanyi c’Urwanda kuva rubvuye mintambara abari bagirizwa Itsembatsemba barashikirijwe ubutungane none abarongoye uburundi bo biyumvira ikiiiii????

  • Turabazwa cane n,ukuntu atagikogwa kugira abishe inzira karengane yacu ya democratie ngo bahanwe.Kuko M ndadaye uburundi bushasha yadutegurira ntituraburonka.Muga vyose n,imana.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.