Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanywanyi ba ADC Ikibiri batamvye baratarika umukuru wabo atajanywe mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abanywanyi ba ADC Ikibiri batamvye baratarika umukuru wabo atajanywe mu (...)

Abanywanyi ba ADC Ikibiri batamvye baratarika umukuru wabo atajanywe mu Mpimba

lundi 21 Ndamukiza 2014

Léonce Ngendakumana arongoye umugambwe FRODEBU hamwe n’urunani ADC Ikibiri, yasubiriye kurenguka muri sentare ikukira igisagara ca Bujumbura, mu gatondo ko kuri uwu wa mbere. Yari yatwaye bimwe mu vyemeza ivyo yashikirije mw’ikete urunani ADC ikibiri rwandikiye umunyamabanga w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki Moon.

JPEG - 1.1 Mo
Umushingwamaza François Nyamoya, aburanira Leonce Ngendakumaan

Umunsi Léonce Ngendakumana arongoye umugambwe FRODEBU hamwe n’urunani ADC Ikibiri yumvirizwa ubwa mbere ku genekerezo rya 17 Ndamukiza 2014, icariho c’umushikirazamanza mukuru wa parike ikukira Mairie ya Bujumbura, yamubajije ku bijanye n’ivyo yashikirije mw’ikete urunani ADC ikibiri rwandikiye umunyamabanga w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki Moon, ko mu Burundi hashobora kwaduka ihonyabwoko kubera urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD bivugwa ko rwahawe inkoho n’ukwigenza nk’interahamwe zo mu Rwanda.

Kuri ivyo vyose yari yasabwe kurengukana kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 21 Ndamukiza, akaba arivyo yamaze amasaha agera kuri atanu ariko aragiranya n’umukenguzamateka Reveriyano Ndikuriyo yari yaserukiye umugambwe CNDD FDD hamwe n’uwaserukiye Rema FM, nk’uko twabishikirijwe n’uwumuburanira François Nyamoya. Uwo aburanira Ngendakumana, akavuga ko basabwe gusubira kujana ivyemezo bisigaye harimwo amajwi ya radiyo RTLM yo mu Rwanda hamwe naya Rema FM, ayo nayo bakavuga ko bazoba bagire bumvirize isano ryayo.

Yaba bamwe mu banywanyi b’imigambwe ihurikiye mu runani ADC Ikibiri bari ngaho canke abandi banyeporitike nk’abari mu mugambwe w’Abadasigana UPRONA bari aho baherekeje umukuru w’ADC Ikibiri, bose batangazwa n’ingene Bamvuginyumvira Frederic na Leonce Ngendakumana bose barengukijwe ku munsi umwe, ndetse n’abo muri MSD bakarengutswa. Baremeza ko harimwo ukuburagizwa, kugira umugambwe CNDD FDD uze uje mu matora widegemvya wonyene.

Mukamenya ko Leonce Ngendakumana yari yaherekejwe n’abantu isinzi barimwo abasanzwe bari muri ADC Ikibiri na bamwe mu badasigana ba UPRONA, eka mbere harimwo n’umunyamabanga wa mbere w’igihugu c’Ubuholande. Abari aho bose, ubwoba bukaba bwari ikirenga, kuko hari ivyavugwa ko yashobora kujanwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba.


Egide Nduwimana & Aristide Nizigire

Messages

  • leonce komera .kubona bashobora kukutesha umwanya wubusa nkuko womenga warabeshe ?nimba urumubeshi kuberiki Nkurunziza yinyegeza mukubonana 1 .nimbonerakure2.,nabasoda ba DD 3,. nabahozekurugamba bonyene kandi ari umukuru wigihugu nuko azi ivyo yariyateguye nabo •DD geragezA mureke kuremeka intebe zishushe muzi ukuri mwebwe nyene

  • Atarakandi ivyemeza ntibibuze uwambere ni Fidel nduwumukama amajamboyavuze,amasanamuyimbonerakure zibubanza.None gayemwe mushaka ibindi nyabaki???

  • Uwu mututsi atiyemera,nibamureke,kuko ari muri bamwe badashobora kugumizwa mumabohero barway’ingwara zidakira,ubundinhoho bakamukorako azoc;abagwa muntoke!emwe niho ca kibiri c’Abahima n’aba MADIRISHA,VACHE,NININAHAZWE P.n’abandi boooooose bafis’ivyo biyagiriza kizoba kigihaguruka gifashijwe na Honyanga Kanyanga,umuserukizi waco mva Makungu aturuka muri Gabo,Mbeg’ubuho bamwubahutse ?Nta Blème kimwe coco arabonye ko bishoboka kurengutsa,Ahubgo harakwiye kwugurugw’Ibohero ry’Abarwaye zirya ngwara zidakira,none ko mbon’ari beeeenshi bazigwaye m’Uburundi,karashiz’ingani bigire surivu,bakinde birenza,Objectif ngo Barway’Ingwara zidakira?Bitebe bitebuke,Inkozi z’Ibibi zooooooose zo mumigambwe yose,mumoko yose,ntanumwe atazorengutswa,yitwaj’ibi canke biriya,UBURUNDI,n’Icibare twahawe n’Imana ntizemera ko kigend’akagirire kuko twese ntitur’Abamenja,Ijambo ry’Imana rivuga ngo Umunyakibi ntazokwama atsindaje!!!!!!!!

  • Murantunga ndakunda kuvuga kubatanga ivyiyumviro,umuntu yavuze ngo Leonce arwaye indwara yintakira,none politique nuburwayi buhurirahe,cangwa se wewe urazi uruzoguhitana?Abahinga bavuga ngo ntutuke abavyaza nawe ukivyara,je nibaza kuvyo yatumiriwe gusigura uburwayi ntaburimwo

  • Mubisanzweturavy’amagara y’uwo musaza unundi ntacotuma abohwa kuko inkurikizi ntibozikira , hamwe yobarwako ,mugabo nawe nagerageze kwifata areke kuvuga nk’umwihevyi, nahoze ndamuteg’amatwi mukiganiro, Abaduserukira c’ejo yarabuz’ivyoyishura,co kimwe nn’a Pa.CIMPAYE,muri Kabizi ya le 19/04/014 bamubajije bati wewe uri m’umugambwe uwuhe caramutaye n’amazi ati nzocishura hanyuma!hemwe tweeese twigore,tuze twandikaou bien tuvug’ibintu dushobora gusigura imbere y’ubutungane,kuko tuzobibazwaaatakurab’UBUHIMA, UBUHUTU, UBUTUSI,UBUTWA,Canke babantu umenga ni ba niba Nzoj’iyobiri, kuko bobo jewe mvuga kw’atabwoko bafise bafis’ubwoko bg’inda gusa. MPEMUKE NDAMUKE.

  • Akabi gatwengwa nkakeza kabisa. Hari ibijuju vya bahutu biziko umuntu umwe yobafasha gusenyura ubutegetsi agaca abaha ngo nimutegeke. Ni co gituma ahora abatwenga ngo ntabwenge mufise

  • Jewe,nibazako tutoza turavuga ngo naka yandits’ibi cank’ibi kuko,ikibi n’ukuvug’ibitabaho none?ahubwo noshimir’uwabivuze,mwebwe mushaka bamugire kumwe ba trotura MANDENDE J . Pierre AMADI HALUNA B.AUGUSTIN,JAMALI, JANABI ,ISMAILI 1997 n’uwundi mugabo wavuba ntavuz’izina kuko wewe yaciye yihungira namba mwarabikurikiranye neza birya babimugize ntiyosohoka niyompamvu abasemerera kare twobashigikira inkumbi itaragwa.

  • Kaheze we reka kuterana ubwoba kuko leonce ntimuganya ubwege eka naba DD nkabose ntanumwe afise ubwenge,kuganya leonce ahashaka kukubwira ureke iryoterabwoba ncanke gutaga impanuro zagahemo?leonce ari mubantu 5bagwaniye abahutu nivyo mufise ubu niwe iyo mutaba abahemu kuko igwano yubwege niwe yayigwanye namwe murazi akazi mwari mufise komera leonce gos#e#eeeeeeee

  • Jewe ndavye ivyashikirijwe na KOSHER nabandi ntiriwe ndadonda nsanga nobagirinama yoguheba "leur diarrhé verbaux"kuko avuze ngo aba HUTU nibijuju sinzi ko azoshobora kubakuraho hanyuma agasigara wenyene kwisi.yorema kuko aracavuze nabi basi.Leonce nawe niyerekane ivyemezo,atavyerekanye naho ahanwe n’amategeko.ntavyo kwiteza utunyoniii!

  • Ibimenyetso vyokubonako aba opose atacobamaze canke badashobora kuzohangana na CNDD FDD mumatora yomuri 2015 bikomeza kwibonekeza,kukontakuntu bobona Leonce Ngendakumana bakamufatankumuntu warurangiza mugihe abarundibataribake basigaye bamubona nkumuntu wikimara,Umukuru wababeshi, umwangushi,Umukuru wabanyabinyo nibindi, Nonehovyaraye vyunyuwe naruryarwandiko aherutse kurungikira ONU rwarimwo ivyiyumviro vya ADC Ikibiri kandi abagize uruhara rwokwiyumvira kwandikira ONU nibabandinyene bigezekwigirinama yokwikura mumatora yomuri 2010 maze bituma batesha ivyiza mutama RWASA, ubu Rwasa abavuga rikijana mwiyi reta,na Dr. Minani J mbonavuganikijana kandiyariyarose amajwi abayabaye! kuko Rwasa abarimunzego zosezigize igihugu. Uburero nimurebe ukuntubahenze ka Leonce nako kakarungika ibinyoma muri ONU none arikwarabibonaboneramwo, jewe iconobona nuko abobantu barikobarakomeza kuzabarahendwa nakokarwi kiyise Ikibi opi! nako Ikibiri abokakoresheje amakosha reta ikaza irabacira inkonizamba kukoturabone mengo gafise intumbero yogukomeza kuduteshereza agaciro abantutwahora tubonamengo barajijutse! Nimunyumvire ivyemezo Leonce avugango nisimusiga ngoko imbonerakure zirikozirategura ubwicanyi avugango arafize amajwi yimbonerakure ngwasa nayizahoze arinterahamwe! none kwamajwi yimbonerakure asanaya Banamubambu canke Abasungusungu ba Tanzania nabobobabategura ubwicanyi? kobamaze imyakanimyaniko muri Tanzania kwatabwicanyi barakora? Mbega Leonce yobabaye umuhanga wambere asigaye amenya amajwi yabicanyi ukwabameze? Niyababishoboye ONU nimwikoreko imutware mubihugu birwiriyemwo ivyihebe kugira harya bibabiriko biragendagenda mengo nabantubeza kanti mukanya bahavabiturikirizako imbombe Leonce yozarabamenya mumajwi hakirikare kwarabicanyi!!!?

  • NIKUREKE KURENGANYA ABANTU NUBAHORA UBUSA AHUBWO NIMUHAJURE IMBONERAKURE NTAKINDI

  • leonce ni ikijuju;; kuvuga ngo abahutu bo muri Cndd bagiye gukora genocide yabonye ariwo mugati wamufasha kugera kubutegetsi? CYANGWA NTABWO YUMVA UBUREMERE BWA GENOCIDE. ABAHUTU B.I BURUNDI NTIMWEMERE IKIGORYI NKICYO . NIMUGIFUNGE VUBA KITARABAKURURIRA IBARA.

  • Léonce muzosome neza amazina afiswe na IBUKA mu RWANDA ari kurutonde rw’abagize genocide murwanda.
    abandi barundi bari kurutonde ni MINANI Jean, Domicien NDAYIZEYE.

    none abanyarwanda boba baratohoje mukubashira kururwo rutonde rw’abahonyeje abatutsi rwanda? Bazokwitabe gacaca bisobanure vyoba vyiza

  • iciza nikimwe kazi nubundi atawamuteye intuguta mumatora ndazi ntakekeranya ko na2020.atawuzo mu
    tera induru.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.