IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Léonce NGENDAKUMANA yaciriwe umunyororo w’umwaka wose

Léonce NGENDAKUMANA yaciriwe umunyororo w’umwaka wose

jeudi 2 Gitugutu 2014

Léonce NGENDAKUMANA, umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU, akaba n’umukuru w’urunani ADC Ikibiri yaciriwe umunyororo w’umwaka wose, n’ihadabu y’umuriyoni w’amafaranga y’amarundi.

Umukuru w’urunani ADC Ikibiri, akaba n’uwurongoye umugambwe Sahwanya FRODEBU yitwariwe mu butungane n’umugambwe CNDD FDD, hamwe n’insamirizi Rema FM, bamwagiriza ko mw’ikete yarungikiye umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki Moon, kw’igenekerezo rya 6 Ruhuhuma 2014, aho yavuga ko mu Burundi hoba hariko harategurwa ihonyabwoko, yakoresheje imvugo yo gutyoza n’ukubiba urwanko rufatiye ku moko mu Burundi. Mu vyaha Léonce Ngendakumana yagirizwa, harimwo gutyoza umugambwe CNDD FDD n’insamirizi Rema FM, kwambika ibara inzego z’igihugu, hamwe n’ugucapfuza izo nzego.

JPEG - 15.7 ko
Léonce Ngendakumana arongoye urunani ADC - Ikibiri, n’umugambwe SAHWANYA FRODEBU

Muri ntahe iheruka, kw’igenekerezo rya 2 Nyakanga 2014, abamuburanira babandanije berekana ko ivyo Léonce Ngendakumana yagirizwa bitarivyo, kandi ko n’urwo rwandiko atarurungitse kw’izina ryiwe, ahubwo nk’umukuru w’urunani ADC Ikibiri.
Kuri ivyo vyaha yagirizwa, abashingwamanza b’umugambwe CNDD FDD basavye ko Léonce Ngendakumana yohanishwa ihadabu y’amafaranga imiriyoni cumi z’amarundi, ariko uwari ahagarariye amategeko muri iyo ntahe amusabira ihadabu ry’ibihumbi ijana hamwe n’umunyororo w’imyaka itanu. Urubanza rwaciye rushirwa mu mwiherero, bikaba vyari bitegekanijwe ko rusomwa imbere yo kuri uwu wa kane, igenekerezo rya 2 z’ukwezi kw’icumi 2014.

Urwo rubanza rwasomwe kuri uwu wa kane, sentare ikaba yamuciriye umunyororo w’umwaka wose, n’ihadabu y’umuriyoni w’amafaranga y’amarundi. Urwo rubanza ruciriwe umukuru w’urunani ADC Ikibiri mu gihe hari hasigaye amezi umunani gusa mu Burundi amatora agatangura.


Egide Nduwimana

Messages

  • Turakeje ubutungane ukuntu bwifashe muri runo rubanza. Bihute rero barushire mungiro kugira bibere akarorero abandi bose bakigomba guteranya abarundi atakindi barondera atari gushikira amaronko yabo gusa.

    Ahasigaye kuva kera bagumye bavuga ko ADC-IKIBIRI kitemewe n’amategeko kuba rero bitwaza ngo aserukira ico kibiri ngo none ntiyavyanditse ku gatwe kimwe aha baba bagomba kugira abakurambere ibijuju bo bavuze ko " UMUSHIKIRIZA W’IGITUTSI NIWE MUTUKANYI’ nta barantumye ngaho.

    Ariko rero RPA yahora itubwira amakuru ashushe ico ntaco yatubwiye!!! mbe basha boba batari bwamenye urwa somwe? Kamenya uwukabariwe igiti n’ingoma.

    MURANTUNGE

  • Turakeje ubutungane ukuntu bwifashe muri runo rubanza. Bihute rero barushire mungiro kugira bibere akarorero abandi bose bakigomba guteranya abarundi atakindi barondera atari gushikira amaronko yabo gusa.

    Ahasigaye kuva kera bagumye bavuga ko ADC-IKIBIRI kitemewe n’amategeko kuba rero bitwaza ngo aserukira ico kibiri ngo none ntiyavyanditse ku gatwe kimwe aha baba bagomba kugira abakurambere ibijuju bo bavuze ko " UMUSHIKIRIZA W’IGITUTSI NIWE MUTUKANYI’ nta barantumye ngaho.

    Ariko rero RPA yahora itubwira amakuru ashushe ico ntaco yatubwiye!!! mbe basha boba batari bwamenye urwa somwe? Kamenya uwukabariwe igiti n’ingoma.

    MURANTUNGE

  • hahahahahahaah. Burundi we! !!!!!!! I wonder who’s next? ?!!! .... to be continued .

  • iyo mikino yo kwigizayo abo mutavuga rumwe twari dukwiy kuyiheba pe!mbe gucafuza iradiyo nka REMA FM vyomariki?twebwe abene gihugu turi ngaha turumva ivyo iradiyo ivuga bitey isoni!nimureke abarundi dutekane basha

  • leta yuburundi turayimenyereye ingene ikora ADS murihangana

  • None kobatinya ubwoba bitwaza ibi nabiriya nibareke muburundi ntabutungane tugira nubwumugambwe uri kubutegetsi.

  • Ivyo ntawe vyotangaza kuko bahereye kera barwanya ADC-ikibiri,ivyovyose nukugira bamwigizeyo ntazoje mu matora,iyongendo aba DD bihaye yo kwigizayo abavuga ibitagendaneza mu burundi izota igihugu cacu mu manga.bari bakwiye kwikosora kuko ukora inabi ikaguherekeza.ndavuga simvura

  • Ivyo mubatavuga rumwe numugambwe uri kubutegetsi twari tuvyiteze ko cndd fdd ifisumugambi woguca intege abatavuga rumwe nayo kugira dusubire guheba amatora muga bari bakwiye kuvya murivyo kandi ntituzoheba igiti ntikigukora mujisho kabiri.

  • None ubundi mwari mwiteze ko Leonce azotsinda. Amajambo yavuze ca a cause beaucoup de degats ubiravye bamuciriye inkoni ngufi. Genocide mwibwira que c’est quoi ? Uwokwagiriza genocide wibwira ko womutwengera.
    Ntako atari yagize ngo asige ivyondo Leta.

  • ewe cndd-fdd ugeze aho umwansi ashaka nukuri abantu muzohava mubona biruka ico nama mvuga nubu bazoteba bapfunge nababo. wait and see.

  • This is a plan of this ruling political party to decrease the opposition’s force. This politician is casuality because this government is ruling in dictatorship not democracy. Burundians, imagine how will be the compain preparing the elections of 2015 when this leader will remain in prison. #?!?#

  • Ejo aho bukera ndatanguza vendredi vert- blanc kuko aho bigeze ntawovyihanganira

  • Dd muzopfa nabi kweri kuko ivyo mukora biteye isoni!!

  • Aha muburundi nakajagari aho gufunga abari muri adc-ikibiri bose bavyanditse bapfunga umwe rundende? Nimba yari yabikoze kugatwe kikibiri coco ntagihano bogiha? Mbe ntibihava vyerekana kubutegetsi bwibujumbura buremera ubutungane muriki gihe twimirije amato?

  • Ngo ijambo rigukunze rikuguma mu nda. Abarundi nitwige kwemanga amajambo n’ibikorwa dukora aho guta ibirarirari ku butegetsi. No ko nyene kwagirwa n’icaha yoronse akaryo ko kwiregura arushijwe haca havugwa ngo ubucamanza ntibwigenga? Ubwo barya bose bafunzwe bararenganijwe none bace barekurwa? Opposition ni imenye ko toute erreur bakoze ubutegetsi butazobura kuyikorerako kugirra babaganye
    inguvu.

  • Haaa!!!!.... nibamushireyo yihanurireyo.

  • none aba dd babaye gute kwigizayo abo batavugarumwe niwo muti aba democerate ntiducike intege kko na ndadaye yarapfunzwe, mandera yapfunzwe imyaka 27 ariko ukuri kwaratevye kuratsinda na mutama barakoresheje ubutungane bwabo baramupfunze ariko ntibapfunze aba democrate twese nkanje ntibanzi kandi ukuri kuzotsinda frodebu juu mutama wa batama ati mwishe ndandaye ariko ntimwishe ba ndandaye ntitube bampemuke ndamuke adc oyeeeeeeeeeeeeeee

  • mwaba dd murarengeje namwe naje nari mbafiseko agatima ndahevye .ndabonyekonarinihenze mbe mugomba. abomutavugarumwe bose kubabereza mu mpmb murihend ntimuzobamara bose
    amakungu atugumizako akajisho

  • HaahahaA CNDD ubu mugasubira kwumva mutama Obama asubiriye kuvuga kazikanyu ni misile imwe gusa gusa nuko muzoba mukwegeye abarundi atacobazira kazikanyu ntimumbaze murazi kwari intahangarwa

  • Yemwe Yemw Koma Akaruru!! Turatabaj Amakungu Kumw Kwa P.C Mbonimpa. Aho Ga Yemw Nta Soni? Mubona Tuvahe Tukaja He? Ni Tutishirako Agashambara Ntawuzokadushirako! Kom Akaruru!

  • Burya cndd fdd ntangumvu ifise kuko bibonekera uko ifata abakeba Leonce ntapfunzwe kubwicahaahubwo bagomvyefrodebu kuyica umutwe kugira ntize iseruke mumatoranone koko karashizingani cndd fdd izoje mumatorayonyene???inda nimureke gutoteza abomutavugarumwekuko ntawukundwa nabose kandi ntantwaroitagira abayigwanya.

  • NibakurikizeRwasa nawe Sinduhije we sihari,hama Nditije baherukire kuri Pacifique..hiiiiiiiiiiiii...ntawe vyotangaza kuko ntibazi ico bakora(nkuru,dorofona bunyoni) ntawobahanura...ivyobakora na Leta yabo ninkugutekera amazi murukangaga..esukwiyimbirico ubona..imbonerakure nico gi police canyu nibo bazobashira kukibuga babicirire urubanza

  • Mu burundi democratie ysubiriye inyuma cane nibamenye ko muri democraatie umuntu wese afise uburenganzira bwo gushikikiriza iciyumviro aashatse

  • None kobari bakeje MONUSCO yomuri congo igihe yavuga ko atamisore yabarundi iri muri congo ubunaho baraye bemeje yuko harai abasirikare babarundi bari muri congo nibongere kubakeza kumatohoza bakoze nibareke kudukinisha nkabana niba mureke uyo mutama. Azozane ihinduka mugihugu turakeneye gutaha mugihugu cacu raba ingene ugwaruka dupfuye twangara kubera intwarombi

  • Ni nde yababwiye ko muri democratie umuntu ategerezwa kuvuga ivyo ashatse ? Ni vyaba vyose vyemewe si kuvyga ko atabibujijwe. Hari amabanga yigihugu uyamenye agukurikirana urazobaza les deux types bo muri USA dont Julien Asange et l’autre qui est exile en Russie. Ils sont recherches pourquoi ? Kandi ni mu gihugu gifise democratie modele Kwisi. Ca wiyumvira rero muri ces petit pays Africains ou les gouvernements sont fragiles ou les gens veulent imiter moutonnement. Ni hehe kwisi womena amabanga yigisoda bakakwihanganira canke amabanga yo muri documentation. Hari ho ibintu nawe ukwiye kubanza kwiyumvira.

  • ahorero.nukugira amatora abe leonci arimugasho!muzohura na obama

  • Mbe izombwa zinyeshamba,ziragomba iki kubarundi,baribesha baratembagazwa aho bukera pe

  • Ariko reta ya nkurunziza na basuma biwe babona ko reta yabo ifise inguvu niki za President M Kadaf haaaaaaaaah!imana izokwihorera pe!ivyo vyose bazovyishura igihe bazova kuri ubwo butegetse.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.