Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Lesotho : Umushikiranganji w’ibikorwa vya Reta yatembagaje ubutegetsi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Lesotho : Umushikiranganji w’ibikorwa vya Reta yatembagaje ubutegetsi

Lesotho : Umushikiranganji w’ibikorwa vya Reta yatembagaje ubutegetsi

lundi 1er Nyakanga 2014

Umushikiranganji w’ibikorwa vya Reta i Lesotho , Mothloheloa Phooko, yemeje kuri uno wa mbere ko ariwe muri kino gihe ashinzwe amabanga y’ ubushikiranganji wa mbere.

Umukuru wa Reta nshasha Thomas Thabane yari yahungiye mu gihugu ca Afrika y’Epfo inyuma yaho igisirikare cari ciganziye uduce tumwe na cane cane ahasanzwe haba ingabo z’igipolisi aho i Lesotho, kuri uno wa gatandatu. Iminsi ibiri inyuma yaho umukuru wa Reta y’i Lesotho ataye akomoka, inyuma yaho igisirikare gisa nicari cafashe igihugu, umushikiranganji w’ibikorwa vya Reta kuri uno wa mbere yaciye atangaza ko ari we agiye mu kibanza c’umushikiranganji wa mbere.

Motloheloa Phooko, asanzwe ari mu mugambwe LCD ( Lesotho congress for Democraty), amenyesha ko amategeko abimwerera ko mu gihe umushikigiranganji wa mbere atahari canke icegera ciwe kuko bose mbere muri kino gihe bari i Pretoria.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.