IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Leta y’Uburundi irashimirwa ku ntambwe igezeko mu kunywanisha (...)

Leta y’Uburundi irashimirwa ku ntambwe igezeko mu kunywanisha abanyagihugu

dimanche 2 Ruheshi 2013

Mu rugendo umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Petero Nkurunziza arimwo i Yokohama mu gihugu c’Ubuyapani, yarabonanye n’umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 1 Ruheshi 2013.

Muri uyo mubonano, umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani Shinzo Abe, yaramenyesheje ko ashimishwa n’intambwe Uburundi bugezeko mu mugambi wo gusasagaza amahoro n’umutekano mu gihugu, ndetse no mu kunywanisha bene Burundi bose, aca amenyesha ko igihugu ciwe c’Ubuyapani kigiye kuzofasha Uburundi mu migambi y’iterambere myinshi.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani rero yavuze ko anerezwa n’urugero Uburundi bugeze ko mu kunywanisha abanyagihugu, aca amenyesha ko imigambi itandukanye igihugu c’Ubuyapani ishigikira kiyicisha muri JICA (Agence japonaise de coopération internatinale).

Mu vyo rero ico kigo JICA kimaze gukora mu Burundi kuva muri Ntwarante iheze ni nk’ugusanura ibarabara rihuza ikivuko ca Bujumbura hamwe n’igisagara ca Bujumbura, ndetse iryo barabara rikaba ryitiriwe igihugu c’Ubuyapani (boulevard du Japon). Ibindi basata bishigikiwe n’Ubuyapani mu Burundi ni nk’uburimyi, amagara y’abantu, mu gisata c’umuyagankuba, gutwara abantu n’ibintu, ibidukikije, inyigisho zihabwa abajejwe umutekano, inyigisho zihabwa abategetsi mu nzego za Leta, amazi, n’ibindi vyinshi.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani akaba yamenyesheje kandi ko ibisata vyose bashigikira mu Burundi bagiye kuvyiga kimwe kimwe ukwaco, kuko igihugu kivuye mu ntambara nk’uburundi, umutekano n’iterambera biza ubwambere. Umukuru w’igihugu c’Uburundi nyenicubahiro Petero Nkurunziza, yarakengurutse rwose uburyo igihugu c’Ubuyapani gifasha mu migambi itandukanye. Umukuru w’igihugu rero akaba yaramenyesheje ko babandanya kwubaka amashure, amavuriro, inyubakwa zikoreramwo abakozi ba Leta, ndetse n’ibibuga vy’inkino mu ntara zitandukanye z’igihugu. Umukuru w’igihugu c’Uburundi akaba amenyesha ko iyo migambi y’iterambere ikenera ibikoresho bitandukanye kugira ije mu ngiro. Navyo ivyo bikoresho bikaba ari nk’isisma, amabati, ivyuma vy’ukwubaka, n’ibindi.

Uyo mubonano ukaba wabaye inyuma y’ukwugurura inama rukokoma igira gatanu yahuje Ubuyapani n’Afrika mu bijanye n’iterambere. Inyuma y’aho umukuru w’igihugu akaba yarabonanye n’umukuru wa JICA ariwe Akiho Tanaka.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.