IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Leta y’Uburundi yahojeje umuryango wa Musenyeri Eliya Buconyori

Leta y’Uburundi yahojeje umuryango wa Musenyeri Eliya Buconyori

lundi 1er Ndamukiza 2013

Nk’uko tubikura mu rwandiko rwashizwe ahabona na Leta y’Uburundi, kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya mbere Ndamukiza 2013, biciye ku munyamabanga n’umuvugizi wayo, Philippe Nzobonariba, Leta y’Uburundi yakiranye umubabaro mwinshi urupfu rwa Musenyeri Eliya Buconyori rwashitse ku musi w’Imana wa Pasika igenekerezo rya 31 Ntwarante 2013.

Urupfu rwiwe rwakiranwe umubabaro mwinshi muri Leta y’Uburundi, mu bari basangiye uburongozi bw’ishure Universite Espoir d’Afrique, n’ishengero Methodiste Libre yari asanzwe aserukira imbere y’amategeko.

Abarundi bariboneye uruhara yagize mw’iterambere ry’igihugu, mu kugarukana amahoro, mu kwubaka ibitaro n’amashure, n’ibindi vyinshi.

Umunyamabanga n’umuvugizi wa Leta Philippe Nzobonariba abandanya amenyesha ko Musenyeri Eliya Buconyori azokwama ari umuntu w’ubukomezi budasanzwe kandi w’akarorero kubw’ivyo yakoreye igihugu, abarundi harimwo urwaruka, n’abagize ishengero yaserukira imbere y’amategeko. Arangiza ahoza umuryango n’abarundi kw’izina rya Leta, asaba Imana ko yomuronsa ikibanza akwiriye mu bwami bwayo


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.