IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Leta y’Uburundi yerekanye aho ihagaze ku manama y’akarere Uburundi (...)

Leta y’Uburundi yerekanye aho ihagaze ku manama y’akarere Uburundi budatumirwamwo

dimanche 29 Nyakanga 2013

Mu bikorwa vy’ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’ubuseruko n’Uburundi busanzwe burimwo kuva mu mwaka w’2007, abatari bake baribaza igituma hari amanama ahuza ibihugu bitatu : Uganda, Rwanda na Kenya, ariko ibihugu vya Tanzaniya n’Uburundi ntibitumirwe kandi bisanzwe navyo biri mu muryango. Leta y’Uburundi yashimye gusohora itangazo imenyesha aho ihagaze kuri ico kibazo.

Ayo manama ategurwa kandi akitabwa n’abo bakuru b’ibihugu uko ari batatu yoba avugirwamwo ibijanye n’itunganwa ry’ubutunzi na politike. Mu mategeko agenga umuryango w’akarere ka Afrika y’ubuseruko, baratomora ko ayo manama agenga imigambi y’iterambere rusangi kuri ivyo bihugu bitanu vyose vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko akwiye kwitabwa ibihugu vyose biri mu muryango. Amanama y’iterambere rusangi adatumirwamwo ibihugu bimwe bimwe n’Uburundi burimwo yatumye Leta y’Uburundi yiyumvira amaherezo y’iyo migambi y’iterambere rusangi, ica imenyesha ibi bikurikira, mw’itangazo ryashizwe ahabona, biciye kuri Filipo Nzobonariba, umunyamabanga akongera akaba umuvugizi wa Leta y’Uburundi :

JPEG - 66.7 ko
Filipo Nzobonariba, umunyamabanga akongera akaba umuvugizi wa Leta y’Uburundi

Leta y’Uburundi iremera ko amategeko y’umuryango w’akarere ka Afrika y’ubuseruko atanga uburenganzira ku bihugu bihisemwo gufata ingingo kanaka y’iterambere rusangi, ariko ko ibihugu vyose bigize umuryango bibanza kugishwa inama.
Muri iryo tangazo, Leta y’Uburundi imenyesha rero ko itazokwisunga imigambi yateguwe kandi ishirwa mu ngiro batagishijwe inama.

N’aho biri uko, Leta y’Uburundi imenyesha ko yiteguriye gukorana imigambi n’igihugu canke ibihugu ivyarivyo vyoe mu bigize umuryango w’akarere ka Afrika y’ubuseruko, ariko mu kwubahiriza amabwirizwa n’amategeko ngenderwako y’uwo muryango.

Mu nama y’abakuru b’ibihugu bigize uwo muryango yimirije, Leta y’Uburundi yizeye ko ivyo bibazo n’amakenga bizotorerwa inyishu.


Egide Nduwimana

Messages

  • Nakare ngo ntakuniganwa ijambo kuko biboneka mugihe tutoba tuvuze bokwama bikorera ivyobashatse bakama barikudukumira rero icemezp reta yafashe nicoza came

  • Nakare ngo ntakuniganwa ijambo kuko biboneka mugihe tutoba tuvuze bokwama bikorera ivyobashatse bakama barikudukumira rero icemezp reta yafashe nicoza came

  • Nakare ngo ntakuniganwa ijambo kuko biboneka mugihe tutoba tuvuze bokwama bikorera ivyobashatse bakama barikudukumira rero icemezp reta yafashe nicoza came

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.