IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Leta y’Uburundi yiyemeje kugabanya igitigiri c’abana bandura SIDA bariko (...)

Leta y’Uburundi yiyemeje kugabanya igitigiri c’abana bandura SIDA bariko baravuka

vendredi 10 Rusama 2013

Mu mubonano umukuru w’igihugu c’Uburundi, Nyenicubahiro Petero Nkurunziza yagiranye kuri uyu wa kane igenekerezo rya 09 Rusama 2013 n’umuyobozi mpuzabikorwa mw’ishirahamwe ONU/SIDA, bari kumwe n’icegera c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Michel Sidibé, Umukuru w’igihugu yemeye ko Leta arongoye igiye gukora ibishoboka vyose kugira mu mwaka w’2015 igitigiri c’abana bandura umugera wa Sida bariko baravuka kigabanuke gushika aho atawoba acandura.

Kizigenza Petero Nkurunziza yavumereye ati: « Twinjiye muri uwo mugambi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU wo kurwanya ikiza ruhonyanganda Sida kandi tumaze kurangura vyinshi ku buryo mu Burundi igitigiri c’abaronka imiti yo gupfupfahaza cavuye ku majana atandatu mu mwaka w’2005, gishika ku bihumbi mirongo itatu uno musi.»

Nyenicubahiro Petero Nkurunziza yabandanije ati« Muri iyo ntumbero, amavuriro n’ibitaro bitari bike vyarubatswe kuva mu mwaka w’2005. Harafashwe n’ingingo yo kuvuza ku buntu imirwi y’abanyagihugu batishoboye kugira abarundi baronke uburenganira bwo kwivuza no guhabwa impanuro zerekeye kurwanya ikiza ruhonyanganda Sida, n’inyifato yogenga abamaze kwandura. »

Umukuru w’igihugu yamenyesheje kandi ko Leta y’Uburundi yitwararitse igikorwa co kwubaka amashure, yongera ifata ingingo yo kwigisha abana bo mu mashure mato mato ku buntu, kugira abarundi bige, kuko abanyagihugu baciye ubwenge aribo bafata ingingo zirashe zo kurwanya ikiza ruhonyanganda Sida.

Umuyobozi mpuzabikorwa w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU/SIDA n’icegera c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU barashimishijwe n’ivyaranguwe na Leta y’Uburundi mu kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA.

Michel Sidibé, icegera c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yamenyesheje ko akenguruka utwigoro tw’igihugu c’Uburundi mu kurwanya SIDA, atera n’intege abatwara Uburundi mu mugambi biyemeje wo gutuza mu mwaka w’2015 igitigiri c’abana bandura umugera wa SIDA bariko baravuka.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.