Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Leta ya Uganda yahagurukiye abambara ntibikwize - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Leta ya Uganda yahagurukiye abambara ntibikwize

Leta ya Uganda yahagurukiye abambara ntibikwize

samedi 6 Ndamukiza 2013

Inama nshingamateka yo mu gihugu ca Uganda yatanguye ibiganiro ku tegeko rishasha ritegura ibihano bikomeye ku bakobwa n’abagore bambara impenereza( impuzu zigaragaza ubwambure. Iryo tegeko rizofata n’abantu bashira ahabona amasanamu y’ibiterasoni.

Iryo tegeko rije mu gihe igihugu kivugwa kuba cuzuyemwo ibintu vy’ibiterasoni cane cane mw’itangazamakuru.

Iryo tegeko rishasha ririko rirategurwa. Rikaramuka ryemejwe, umuntu wese uzokwiragiza amasanamu y’ibikorwa vy’iterasoni azahanishwa umunyororo w’imyaka cumi, yongere atange n’amande y’imiliyoni cumi.

Kubw’umushikiranganji ajejwe umuco n’akaranga mu gihugu ca Uganda Simon Lokodo, iryo tegeko rizofasha guhagarika ivyo bikorwa vyavuzwe kuko bigira ingaruka mbi cane cane ku bana bato.

JPEG - 25.8 ko

Iryo tegeko rizogenzura imvyino n’indirimbo nazo zirimwo amajambo n’intambo bijanye n’ivyo bikorwa, hamwe n’abambara impuzu zitanyegeza ibihimba vy’ibanga vy’imibiri yabo, kumwe n’abambara uduhuzu tugufi cane cane abakobwa b’imiyabaga.
Yaboneyeho n’akaryo ko kwihaniza abavuga ko baharanira agateka ka zina muntu kutaba intambamyi mw’itegurwa ry’iryo tegeko kuko akaranga n’umuco vya uganda bitegerezwa kwubahirizwa na bose.

N’aho biboneka ko abanyagihugu benshi barindiranye igishika iryo tegeko, hari ivyerekana ko bamwe bashobora kubangamira ishirwaho ryaryo, bifashishishije agateka ka zina muntu, bakavuga ko umuntu afise uburenganzira bwo gufata umubiri wiwe uko yishakiye we nyene.

Mu mwaka w’1970, abagore n’abakobwa ntibambara impuzu ngufi cane kuko umukuru w’igihugu w’ico gihe, Idi Amini Dada yari yabigize umuziro


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.