Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Leta yipfuza kumenya ubutare bwimbwe n’ubwashowe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Leta yipfuza kumenya ubutare bwimbwe n’ubwashowe

Leta yipfuza kumenya ubutare bwimbwe n’ubwashowe

jeudi 20 Ruheshi 2013

Umushikiranganji w’ubutare n’agataka yarahaye ikiganiro abanditsi n’abamenyeshamakuru aho yariko arashikiriza ivyaranguwe n’ubwo bushikiranganji mu kiringo c’igice ca mbere c’umwaka w’2013.

Yamenyesheje ko muri aya mezi atandatu ya mbere y’umwaka wa mbere w’2013, haranguwe vyinshi, imigambi iriko araranguka nk’iyukubaka ingomero z’umuyagankuba, n’ibindi bikorwa biraba igisata c’amazi hamwe n’igisata c’ubutare n’agataka. Mu gisata c’amazi, umushikiranganji w’ubutare n’agataka avuga ko mu ntara za Cibitoke, Makamba, Kirundo, Rutana, Ruyigi, Bururi haranguriwe imigambi yo guha abanyagihugu amazi meza, mu gihe mu gisagara ca Bujumbura naho muri karatiye Aziyatike hubatswe ingomero zitanu zizofasha mu kuduza amazi mu misozi, uyo mugambi ukaba uriko urabandanya no muri komine ya Gihosha.

Mu gisata c’ubutare naho, umushikiranganji Kosima Manirakiza avuga ko, kuva kera ico gisata camye gisa n’icigaruriwe n’abantu bakoresha uburyo butemewe n’amategeko, kubera ivyo umushikiranganji yamenyesheje ko hagiyeho itegeko rigenga abacukura ubutare kuva bakibwimba, gushika umunsi wo kubudandaza, ivyo rero bikazotuma igihugu kimenya ubutare bw’imbwe n’ubwashowe.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.