Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Liberia : Ikiza Ebola caratumye abakozi batakaza ubuzi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Liberia : Ikiza Ebola caratumye abakozi batakaza ubuzi

Liberia : Ikiza Ebola caratumye abakozi batakaza ubuzi

jeudi 20 Munyonyo 2014

Hafi ibice 50 kw’ijana mu bari basanganywe akazi muri Liberia, ubu ntibakora kubera ikiza c’indwara ya Ebola.

Hafi Ibice 50 kw’ijana y’abanya Liberia bari bafise akazi ikiza ca Ebola kitaraduka ubu ntako bafise nk’uko biri mu cegeranyo c’amatohoza yakozwe n’ibanki nkuru y’isi yose.
Muri ico cegeranyo bavuga ko abakozi benshi basabwe kuguma iwabo canke batakaje akazi kubera ko amasoko yabwirijwe kwugara. Imbere y’aho umuhinga mu vy’ubutunzi wo muri banki y’isi yari yavuze ko ikiza ca Ebola gishobora gutwara akarere karangwamwo hafi miliardi 3 z’ama dollars.

Ebola imaze gufata abantu 14.000 muri Africa y’Uburengero, ikaba imaze kwica abashika 5.000, abapfuye muri Liberia bakaba ari 2.800. Ana Revenga, umwe mu bakozi bakuru bakorera ibanki y’isi yose avuga ko n’ababa mu turere twa Liberia tutewe n’indwara ya Ebola’’bamaze guhura n’ingaruka mbi z’iyo ndwara iteye ubwoba’’.
Ibanki y’isi yose ivuga ko igisata c’uburimyi ca Liberia arico kimaze kwerekana ko gishobora kwivyukiranya kurusha ibindi, ariko ayo matohoza yerekanye ko abayitabiriye bavuze ko badafise amafaranga akwiye yo gushobora kugura ivyo kurya.

Mukamenya ko amatohoza y’ikigo gikurikirana ivy’ingendo mu kwezi kw’icenda ,casanze abafatisha ibibanza vy’ingendo bagabanutse gushika kuri 70% no mu bihugu bitegereye na gato ahavugwa iyo ndwara.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.