Accueil > Amakuru > Mu makungu > Liberia : Umwe mu bitanga w’umufaransakazi muri MSF yanduye Ebola
Liberia : Umwe mu bitanga w’umufaransakazi muri MSF yanduye Ebola
jeudi 18 Nyakanga 2014
Uwitanga w’umufaransakazi mu baganga batagira imbibe (Médecins Sans Frontières) yaranduye umugera wa Ebola muri Liberia. Ubu akaba yashizwe ahiherereye i Monrovia kugira azotwarwe bidatevye mu Ubufaransa mu kigo kidasanzwe co kuvura.
Ishirahamwe MSF ryatangaje ejo haheze ko uwitanga mu baganga batagira imbibe (MSF) w’umufaransakazi, yarakorera muri kino gihe i Monrovia mu gihugu ca Liberia, yanduye umugera wa Ebola. Ishirahamwe MSF rikamenyesha ko uwo mukenyezi yanduye uwo mugera yashizwe ahiherereye ku munsi wa kabiri, "kuva aho ibimenyetso vya mbere bibonekeye". Ibipimo vyakozwe uyo munsi nyene bikaba vyaremeje ko yanduye umugera Ebola.
Ishirahamwe MSF rikaba ritatomoye amabanga y’uwo mufaransakazi, rikongerako ko ategerezwa gutwarwa mu kigo kidasanzwe co kuvura kiri mu gihugu c’Ubufaransa (France) bisunze amategeko agenga kujanwa kuvuzwa yashinzwe n’ishirahamwe ry’abaganga batagira imbibe (MSF).
Uwurongoye ibikorwa vya MSF, Brice de la Vigne, agasigura avuga ko iryo shirahamwe ritegerezwa gukurikiza ayo mategeko mu ntumbero yo gukingira abandi kuko nabo bashobora kwandura uyo mugera.
Iryo shirahamwe ryitaho amagara y’abantu rikaba rimaze gukwiragiza abantu 2000 mu kurwanya Ebola muri Afrika y’Uburengero, muri abo hakabamwo abashika 200 b’abanyamahanga. Ishirahamwe mpuzamakungu ry’amagara y’abantu (OMS) rikamenyesha ko ico kiza cahitanye ibihumbi 2 461vy’abantu ku bihumbi 4 985 vyabanduye kuva mu kwezi kwa Ntwarante.
Nadege Irakoze