Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Liberiya: Charles Taylor yarunguruje urubanza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Liberiya: Charles Taylor yarunguruje urubanza

Liberiya: Charles Taylor yarunguruje urubanza

mercredi 23 Nzero 2013

Charles Taylor,yigeze kuba arongoye igihugu ca Liberiya yasubiye kurenguka imbere ya sentare y’i La Haye muri Holande,akaba ariko aragerageza kuraba ko ivyaha vy’intambara yagirizwa vyohanagurwa.

Sentare idasanzwe ishigikiwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU iburanisha ivyaha vyakorewe mu gihugu ca Sierra Leone igiye kumara iminsi ibiri yumviriza Charles Taylor.
Mu mwaka uheze ,Charles Taylor yari yaciriwe imyaka 50 yo gupfungwa kubera yafashije abarwanyi bo mw’ishamba muri Sierra Leonne bakoze ivyaha vyo kwica no gufata ku nguvu.

Ababuranira Charles Taylor bobo bavuze ko sentare yamwagirije ivyaha itamitswe ijambo n’abandi kandi ko n’igihe ivyo vyaha vyakorwa Charles Taylor atari muri Sierra Leonne.
Ubucamanza bwobwo bukaba busaba ko igihano c’imyaka 50 yo gupfungwa yaciriwe cokwongerekana ngo kuko yagize uruhara rukomeye mu gutuma ivyo vyaha biba.


Grace Irimbere

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.