Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Libiya : Abakirisu barageramiwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Abakristo > Libiya : Abakirisu barageramiwe

Libiya : Abakirisu barageramiwe

mercredi 2 Nzero 2013

Kuri uyu wa gatandatu itariki 29 kigarama 2012,ishengero y’aba coptes yaratewe mu gisagara ca Misrata ku birometero 200 mu buseruko bw’umurwa mukuru wa Libiya Tripoli.

Nkuko itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP ryabimenyesheje,ngo kuri uno w’Imana abantu bababa ijana baragiye mw’ishingurwa ry’umwe mu banyamisiri b’abacopte bishwe mu gitero cabaye ku rushengero ruri mu buseruko bwa Libiya,abakristo bakaba rero baramenyesheje ko batewe ubwoba n’ubwo bwicanyi buguma bwiyongera.

Ibimenyeshamakuru vyo mu gihugu ca Libiya n’ivyo mu gihugu ca Misiri bivuga ko ico gitero rero cagizwe n’abantu bataramenyekana kuwa gatandatu mw’ijoro mu rushengero rw’abacoptes rwitiriwe Georges Mweranda I Dafniya mu ntara ya Misrata ku birometero 200 mu buseruko bw’umurwa mukuru Tripoli,nayo ngo abategetsi bakaba baratanguye amatohoza kugira bamenye imvo nyamukuru y’ico gitero bafata nk’ubwicanyi.

Nkuko umukuru w’iryo shengero Markos Zaghloul Boulos yabibwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP kuwa mbere,ngo bariko barasenga baca bumva ikintu giturikiye ku ruhande rumwe rw’urushengero.Akaba yamenyesheje ko ababajwe n’urupfu rw’abayoboke 2 baguye muri ico gitero.

Abakristo rero muri ico gihugu bakaba batarenga ibice bitatu kw’ijana benshi bakaba bava mu gihugu ca Misiri ahasanzwe hari abacoptes batari bake.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.