Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Libiya: Intagondwa yitwa Anas al-Liby yafashwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Libiya: Intagondwa yitwa Anas al-Liby yafashwe

Libiya: Intagondwa yitwa Anas al-Liby yafashwe

lundi 7 Gitugutu 2013

Abasirikare karuhariwe ba Leta zunzubumwe z’Amerika bagize ibitero bibiri muri Afrika, bata muri yompi intagondwa ya al-Qaeda yitwa Anas al-Liby muri Libiya, kandi banatera umutwe wa al-Shabaab muri Somalia.

Anas al-Liby

Leta zunzubumwe z’Amerika zagiriza Anas al-Liby yafatiwe i Tripoli kuba yari inyuma y’ibitero vy’iterabwoba vyagizwe ku buserukizi bwa Leta zunzubumwe z’Amerika muri Kenya no muri Tanzania muri 1998. Muri Somaliya ho, igitero cari giteguriwe umukuru wa al-Shabaab mu Bumanuko bw’ico gihugu gisa nk’aho ataco cashitseko. Uwo mukuru wa al-Shabaab izina ryiwe ritaramenyekana, yagirizwa kugira uruhara mu gitero ku nzu y’ubudandaji ya Westgate Mall mu gisagara ca Nairobi mu kwezi guhezeabantu bashika 67.

Ifatwa rya Anas al-Liby asanzwe azwi cane kw’izina rya Nazih Abdel Hamed Al-Raghie ryanezereye cane ubutegetsi bwa Tripoli, ubu ndetse akaba azoca ajanwa imbere y’ubutungane bwo muri Leta zunzubumwe z’Amerika kugira aje kubarizwayo ivyo yagirizwa vyose.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.