Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Libya : Abimukira 6500 barokowe mu mazi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Libya : Abimukira 6500 barokowe mu mazi

Libya : Abimukira 6500 barokowe mu mazi

mardi 30 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Abimukira 6500 barokowe mu mazi, nk’uko bivugwa n’abacungera inkengera z’ibahari mu Butaliano, mu gikorwa gikomeye kitari bwigere kibaho gushika ubu.

Igikorwa co gutabara gikorewe hamwe n’imigwi 40 cabereye ku birometero 20 uvuye mu gisagara ca Sabratha muri Libya, nk’uko babandanya babimenyesha.

Video yerekana abimukira, bivugwa ko ari abo mu bihugu vya Somalia na Eritrea, banezerewe, abandi boga mu mato mato, mu gihe abandi bari bafise abana mu ntoke.

Ku musi w’Imana, abimukira barenga 1.100 baratabawe muri ako karere nyene.

Umutekano muke urangwa muri Libya watumye ico gihugu gicika inzira y’abakora urudandazwa rw’abimukira.

Ico gikorwa co ku musi wa mbere carimwo amato avuye yo mu gihugu c’Ubutaliano, ay’ubumwe bwa buraya (Frontex), hamwe n’ishirahamwe "Proactiva Open Arms " hamwe rero na Medecins Sans Frontieres (MSF).

Abo bimukira bari mu bwato ari benshi cane, harimwo igitoro gishobora kubashikana kubabatabara, nk’uko bivugwa n’itororokanirizo ry’amakuru rya AP.

Mu mwaka uheze, abimukira barenga umuriyoni, benshi bahunze intambara ibera muri Syria, barashitse ku mugabane wa Buraya, batera ibibazo mu gihe ivyo bihugu bigize uwo mugabane vyagerageza gutorera inyishu ico kibazo, bituma ubumwe bwa Buraya bwigaburamwo ibice ku kungene abo bantu boronswa ubuhungiro.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.