Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imirwi yose izokina igice gishira ica nyuma ku mugabane wa Buraya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Imirwi yose izokina igice gishira ica nyuma ku mugabane wa Buraya (...)

Imirwi yose izokina igice gishira ica nyuma ku mugabane wa Buraya yamenyekanye

jeudi 23 Ndamukiza 2015

Imirwi ine izokina igice ca kabiri gishira ica nyuma mw’ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere ku mugabane wa Buraya yaramaze kumenyeka.Yamenyekanye inyuma y’inkino zibiri zabaye kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 22 ndamukiza.

Mu rukino rwa mbere, umurwi wa Real Madrid watsinze umurwi wa Atletico Madrid ku gitsindo kimwe k’ubusa. Umukinyi Javier Hernandez «Chicharito» niwe yinjije ico gitsindo ku munota wa 88 w’urukino, aho abatari bake bari bamaze kubona ko bagomba bakine umwanya w’inyongera(prolongation).

Mu rukino rwa mbere, iyo mirwi yose yo mu gisagara kimwe ca Madrid mu gihugu ca Espagne, yari yatandukanye ata murwi ushoboye gutsinda uwundi, bikaba vyaciye biha amahirwe umurwi wa Real Madrid.

Urundi rukino rwahuje umurwi wa Monaco wo mu Bufaransa hamwe na Juventus wo mu Butariyano. Urukino rwaheze ata murwi utsinze uwundi, ariko amahirwe yaciye aba aya Juventus kuko mu rukino rutangura yari yatsinze Monaco igitsindo kimwe k’ubusa.

Inkino zo gutangura z’igice ca kabiri gishira ica nyuma zitegekanijwe ku magenekerezo ya 5 na 6 Rusama, izo gusubiriza nazo ku magenekerezo ya 12 na 13 rusama. Uko imirwi izohura bizomenyekana inyuma y’itora rizoba kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 24 ndamukiza.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.