Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ligue des Champions: Urutonde rw’uko imirwi yo mu gice ca 1/4 izokina (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ligue des Champions: Urutonde rw’uko imirwi yo mu gice ca 1/4 izokina (...)

Ligue des Champions: Urutonde rw’uko imirwi yo mu gice ca 1/4 izokina n’amatariki vyasohotse

vendredi 20 Ntwarante 2015

Urutonde rw’uko imirwi y’umpira w’amaguru yo ku mugabane wa Buraya izohura mu gice ca 1/4 gishira ica nyuma ruhejeje gusohoka. Aba n’abandi ba karuhariwe mu nkino z’umupira w’amaguru bariko baruvugako vyinshi.

Urutonde ruhejeje gusohoka rumeze uku:

1) Paris-Saint-Germain- FC Barcelone(igenekerezo rya 15 i Parc des Princes ni igenekerezo rya 21 Ndamukiza i Camp Nou.)
2) Atletico Madrid - Real Madrid( igenekerezo rya 14 na 22 Ndamukiza),
3) FC Porto - Bayern de Munich(15 na 21 Ndamukiza)
4) Juventus de Turin - Monaco(14 na 22 Ndamukiza)

1) Ku rukino ruzohuza PSG na FC Barcelone, abarongozi ba Barcelone bati:" PSG n’umurwi ukomeye kandi cane. Eka noneho imirwi yose yashitse mu gice 1/4 irakomeye, ariko dutegerezwa kurwana gushika ku ntsinzi. Mu rukino rw’ibanze turafise amahigwe ko tuzokina Zlatan Ibrahimovic na Veratti batarimwo, ikindi n’uko m rukino rwo gusubiza dufise amahigwe ko tuzokina iwacu." Abandi bavugako iyo mirwi isa n’iyiganya ubugabo.

2) Urukino ruzohuza Juventus de Turin na Monaco, narwo nyene ntirworoshe. Juventus yogaba naho ari iya mbere mu Butaliyano kandi irafise amahigwe ko umukinyi Pogba azomara amezi 2 adakina.

3) Atletico Madrid irashobora gutsinda Real Madrid kubera iyo ya nyuma ititwaye neza mu nkino za Champions nk’igihe yatsindwa na Schalke 04.

4) Urikino ruzohuza FC Porto na Bayern de Munich, amahigwe menshi ahabwa uwo wa nyuma kandi ni ryo tsinda risa ni ririmwo umurwi uhobahoba.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.