Accueil > Amakuru > Poritike > Reta y’Uburundi isabwa kugaba ku kutihanganiranira mu vya poritike hegereje (...)
Reta y’Uburundi isabwa kugaba ku kutihanganiranira mu vya poritike hegereje amatora
jeudi 18 Nyakanga 2014
Mu gihe amatora yo mu mwaka w’2015 yegereje, ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Ligue Iteka, risaba Reta y’Uburundi gukora ibishoboka ikingire abanyagihugu ukutihanganiranira mu vya poritike.
Umukuru wa Ligue Iteka Anschaire Nikoyagize akavuga ko mu gihe amatora yegereje abanyamigambwe batoshuhurira abo barongoye ku bandi batavuga rumwe, nayo Reta ikahagabira mu gukinga ako kabi abanyagihugu ntibashobore guhitanwa n’ako kaga, bivanye n’ukwo kutihanganiranira. Avuga ko bimwe mu bimenyetso vy’ukutihanganiranira vyibonekeza muri imwe mu migambwe, ndetse bikumvikana no muri zimwe mu mvugo. Umukuru w’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Ligue Iteka agasaba urwaruka ruri mu migambwe gukora ibishoboka vyose, rugume rutekanye, ntiruryane rupfa ubusa, ahubwo rufashanye mu kuronka intwaro rusangi y’ukuri.
Mukamenya ko ivyo, Anchaire Nikoyagize yabishikirije mu gihe komite nkuru y’iryo shirahamwe yari ihejeje gukorana, iri kumwe n’abaserukira iryo shirahamwe mu ntara.
Aristide Nizigire