Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Lion Story : Nta mugambwe turirimbira, tuvuga ihinduka kuri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umugwi > Lion Story : Nta mugambwe turirimbira, tuvuga ihinduka kuri (...)

Lion Story : Nta mugambwe turirimbira, tuvuga ihinduka kuri bose

lundi 12 Myandagaro 2013

Umurwi wa Lion Story ni umwe mu mirwi n’abaririmvyi bari bahamagariwe kwitaba isabukuru “Buja Summer Fest” ryabaye ku munsi w’ejo. Imbere y’uko batangura kuririmba, babanje gusigurira abakunzi b’umuziki bari ngaho ko n’aho usanga bavugwa ko boba bashigikiye canke barwanya umugambwe uyu canke uriya atariko biri. Ku bwabo, baririmba ihinduka ryiza kuri bose, ariko ntibaririmba imigambwe.

Lion Story irakunzwe cane mu Burundi kubera indirimbo zabo zivuga ibitagenda neza n’ivyohindurwa muri rusangi. Uwo murwi usigura ko iyo baririmba baba bashaka ko abantu bose bohinduka bagakora neza kandi abafise amakosa bakayakosora. N’aho hari abavuga ko baba barwanya umugambwe uwariwo wose canke bashigikiye uwundi, bamenyesha ko bababeshera.

Babandanya bavuga y’uko kugeza ubu ata mugambwe n’umwe babarizwamwo, ahubwo bumva kuribo umugambwe wabo ari ugukunda igihugu, mbere bakanaharanira gukora neza kuri bose. Bamenyesha abatwara ko abanyagihugu bababona, gutyo ivyo bikazana ihinduka y’amahoro mu Burundi.

Liony story ihamagarira abanyagihugu bose baba abari mu nzego z’ubutegetsi, mbere n’abasanzwe ko bakwitaho kuronderera igihugu amahoro. Baranakebura n’urwaruka Burundi bw’ejo ko rwokwirinda umuntu yorukoresha mu bitari vyiza ku nyungu za bamwe.

Umurwi wa Liony Story waboneyeho n’akaryo ko kumenyesha abakunzi babo ko babateguriye igiteramo i Bujumbura ku genekerezo rya 30 kuno kwezi, mu ntumbero yo kubandanya bamenyekanisha impanuro n’inyigisho biri mu rukurikirane rushasha rw’indirimbo rwitwa "Revolution Time"


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.