Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Lion Story yaratanze insiguro y’urukurikirane "Revolution Time" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umugwi > Lion Story yaratanze insiguro y’urukurikirane "Revolution Time"

Lion Story yaratanze insiguro y’urukurikirane "Revolution Time"

jeudi 25 Mukakaro 2013

Mu kuganiro umurwi w’abaririmvyi Liony Story wagiranye n’ikinyamakuru IGIHE kuri uyu wa gatatu, bagarutse cane mu kuvuga ku bijanye n’urukurikirane rushasha rw’indirimbo zabo bise “ Revolution Time.”

Umurwi Liony Story watanguye kuririmba mu mwaka w’1999, aho bawutangiza ari abantu babiri aribo Romeo na mugenzi we Arnaud, ariko ubu ukaba ugizwe n’abantu 11. Mu bikorwa vyabo, bageze kuri album zitatu, aho iya mbere yitwa Independance, iya kabiri ikitwa Ikangure, iya gatatu nayo Revolution Time, ari nayo bagarutseko muri ico kiganiro.

Album “Revolution Time” igizwe n’indirimbo 14 zose ziri mu mudiho wa Reggae kandi zose zivuga ihinduka kuko ari nayo mvo yatumye bayita gutyo.
Paci, umwe mubagize umurwi Rayon Story agira ati ; “Abantu batabizi neza bumva indirimbo zacu hama bakavuga ko turiko turagumura. Ariko vy’ukuri ivyo turirimba nivyo twatanguye kuva tugishinga umurwi wacu kandi nivyo tuzoririmba igihe cose kuko ico tugamije ni ukuvuga ukuri kwubaka.”

Ikindi basigura n’uko bakunda cane igihugu c’Uburundi. Abavuga ko baba barwanya ubutegetsi baba bafise ikindi bagamije. Ntibisigura ko abategetsi bose bakora nabi canke bose bakora neza. Kubwa Paci, ubutegetsi bwari bukwiye kubashimira kuko bababwira ukuri abo barongoye bavuga, bisigura ko babikoreyeko vyotuma bafata ingingo nziza zobatuma bahindura kugira barongore neza abanyagihugu.

Bavuga rero ko iyo baririmba ata bwoba na buke baba bafise kuko bazi ko bavuga ukuri kutabateranya n’Imana mbere n’umuntu n’umwe. Bavuga kandi ko nk’uko abantu benshi babibasavye inyuma yo gukora igiteramo co kumurikira urukurikirane rushasha rw’izo ndirimbo i Bujumbura bariko bitegurira kuzozunguruka intara zose z’igihugu bakora ibiteramo vy’izo ndirimbvo kugira ngo abantu bazimenye kandi bumve n’ubutumwa burimwo.

Umurwi Lion Story w’abaririmvyi bo mu mudiho wa Raggae baboneyeho n’akaryo ko kumenyesha abakunzi babo ko bazokwitaba isabukuru y’umuziki izobera kuri EFI Nyakabiga kw’igenekerezo rya 11 Myandagaro 2013.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.