Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Lionel Messi kw’isonga ry’abakinyi bambere batunze kw’isi kure cane ya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Lionel Messi kw’isonga ry’abakinyi bambere batunze kw’isi kure cane ya (...)

Lionel Messi kw’isonga ry’abakinyi bambere batunze kw’isi kure cane ya CR7

mercredi 25 Ntwarante 2015

Umukinyi w’igihangange Lionel Messi yashizwe kw’isonga ry’abakinyi 20 ba mbere kw’isi binjiza amahera menshi avuye mu bikorwa bitandukanye. Mukeba wiwe CR7 ari kure cane kuri urwo rutonde.

JPEG - 37 ko
Messi n’imipira yiwe ine y’inzabu

Amatohoza yakozwe n’ikinyamakuru gisohoka rimwe mu ndwi "France Football" atangaza ko Lionel Messi avuka muri Argentine akina muri FC Barcelone muri Espagne ariwe mukinyi wa mbere yinjiza amahera menshi kw’isi. Hateranijwe umushahara, amahera ava mu bintu amenyekanisha, hamwe n’uturusho, Messi yinjiza amahera angana imiriyoni 65 z’ama euros (65 €). Hateranijwe bimwe vyose twadondagura, Lionel Messi canke La Pulga asumvya CR7 imiriyoni 11 z’ama Euros, bisigura ko Cristiano Ronaldo yinjiza amahera angana imiriyoni 54 z’ama Euros.

Neymar akinira Barcelone ku nimero y’indwi avuka muri Bresil aza ubwa 3, yinjiza imiriyoni 36,5 z’ama Euros. Abo bakinyi 3 bongereje ubutunzi bw’amahera angana imiriyoni 45, La Pulga wenyene yongereje imiriyoni 24 mu kiringo c’umwaka umwe gusa. Muri kahise k’inkino kw’isi, Lionel Messi abaye umukinyi wa gatatu yinjiza amahera menshi. Kw’isonga haza umu "boxeur" Floyd Mayweather (imiriyoni 87), hagakurikira umukinyi w’umupira w’amaboko (basketball) LeBron James (imiriyoni 69).

Abandi ni :

4) Tiago Silva (PSG) : imiriyoni 27,5

5) Van Persie (Man U) : imiriyoni 23,8

6) Bale (Real Madrid) : imiriyoni 23

7) Rooney (Man U) : imiriyoni 22

8) Ibrahimovic (PSG) : imiiryoni 21,5

9) Aguero (Man City) : imiriyoni 21,2

10) Lewandowiski (Bayern) : imiriyoni 20,1


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.