Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Lionel Messi na Cristiano Ronaldo bazohurira mu murwi umwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Lionel Messi na Cristiano Ronaldo bazohurira mu murwi umwe

Lionel Messi na Cristiano Ronaldo bazohurira mu murwi umwe

mardi 14 Ndamukiza 2015

Ibihangange vy’abakinyi b’umupira w’amaguru kw’isi, Lionel Messi na Cristiano Ronaldo bashobora gukina mu murwi umwe. Ivyoca vyitwa ibitaraboneka muri kahise k’umupira w’amaguru.

Abakeba CR7 na Lionel Messi

Amakuru akiri ikinyegezwa atangwa n’ikinyamakuru c’inkino El Mundo Deportivo co muri Espagne, avuga ko ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ry’i Bulaya UEFA ryoba ririko ritegura urukino ruhuza abakinyi b’ibihangange bo mu mirwi itanduaknye y’i Buraya, inkino zizokwitwa" All Star Game" muri NBA.

Hamwe rero ico ciyumviro ca UEFA coshigwa mu ngiro, ryoba ribaye irya mbere bibaye mu rukino ry’umupira wangu kw’isi, aho abakeba Lionel Messi na cristiano Ronaldo bazokwambara umwambaro umwe, basangiye umurwi umwe. Ivyo bishobora kuzoba mu mwaka w’2017.

Lionel Messi akina muri FC Barcelone na Cristiano Ronaldo wo muri Real Madrid bazoshirwa hamwe n’abandi bakinyi bo muri Ligue1 na Serie A. Abo bazoca bahura n’abakinyi bazotorwa mu mahiganwa nka Barclays Premier League yo mu Bwongereza na Bundesliga yo mu Budagi

Akarorero, imirwi yo mu Burengero uzoba ugizwe na: Neuer, Terry, Hummels, Alaba, Robben, Di Maria, Silva, Reus, Alexis Sanchez, Agüero, na Hazard.

Uwa Messi na Cristiano, uzoba umeze uku: Buffon, Danilo, Ramos, Piqué, Thiago Silva, Messi, Pogba, Kroos, Neymar, Ibrahimovic, na Cristiano Ronaldo.

Abamenyereza b’iyo mirwi bazoba ari José Mourinho wa Chelsea na Carlo Ancelotti wa Real Madrid.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.