Accueil > Inkino > FOOTBALL > Lionel Messi yahawe igihano c’ugupfungwa amezi 21
Lionel Messi yahawe igihano c’ugupfungwa amezi 21
vendredi 8 Mukakaro 2016, par
Lionel Messi, umukinyi rurangiranwa mu mupira w’amaguru yaciriwe umunyororo w’amezi 21 hamwe n’ugutanga ihadabu ry’amafaranga y’amanyaburaya agera ku miriyoni zirenga zibiri. Uwo mukinyi wa FC Barcelona yagiriwe n’icaha c’ukutariha amatagisi n’amakori uko bitegerezwa, mu kigega ca Reta ya Espagne.
Ico gihano cahawe Lionel Messi cafashwe na sentare yo mu gisagara ca Barcelona, akaba yagirijwe ko atagiye aravuga amafaranga yinjiza mu bikorwa vyiwe, kugira ayatangire ikori.
- Lionel Messi ari kumwe na se muri sentare
Mu nsiguro yahaye sentare, Lionel Messi yireguye avuga ko ata kintu na kimwe azi ku bijanye n’amatunga yiwe, ahubwo ko ivyo aregwa vyobazwa se, kuko ariwe abimukurikiranira.
Ico gihano c’umunyororo w’amezi 21 n’ihadabu y’umuriyoni n’igice w’amafaranga y’amanyaburaya nico nyene cahawe se wiwe Jorge Messi, yagirijwe ko ariwe yafashije umuhungu wiwe kunyegeza amafaranga yinjiza.
Amafaranga arenga gato imiriyoni zine z’amanyaburaya akaba ariyo sentare ivuga ko Lionel Messi, umwe mu bakinyi cumi batunze kurusha abandi kw’isi, yari kuba yatanze mu kigega ca Reta, nk’ikori ryo kuva mu mwaka w’2007 gushika mu mwaka w’2009.
Lionel Messi w’imyaka 29 ashobora kutajanwa mu munyororo kuko amategeko muri Espagne avuga ko igihano kiri munsi y’imyaka ibiri, bidafitanye isano n’ubugizi bwa nabi, umuntu ashobora kugikora ari hanze.
IGIHE
Messages
9 Mukakaro 2016, 19:49, par Nkunzimana Jean Claude
Nibamufungeguko Ubusumantawe Bwereye
10 Mukakaro 2016, 17:31, par Gilbert Nz..
Nibarabe Neza Ntimurenganye Kuko Aba Yarabandanije Ayabahisha,ahubwo Nayarihe Hanyuma Hahanwe Se Wiwe Yabihishije Kuko Niwe Yarayazi Kwariwe Yayakwirikirana.
11 Mukakaro 2016, 18:56, par antoine manirakiza
kura ubu beshingaho meilleur foot ball yoshobora guphungwa
12 Mukakaro 2016, 08:32, par muller obéd obinho
aha rero barabe neza kuko lapourga yobatunga bose
13 Mukakaro 2016, 11:49, par Bukuru.Jean Paul
Ahubwo Senayarihe Kuko Bamufunze Twobaduhovye Muri Barcelone
30 Mukakaro 2016, 10:11, par AUDIC ANIRAGABA
LIONEL MESSBAMUFUNZE UMUGWI WABALSERON BOBA BAWUTEMBAGAJE
31 Mukakaro 2016, 20:12, par shemezimana celestin
reka bamufunge kuko ntagukorera mumanyanga wana
15 Myandagaro 2016, 09:35, par ntahinduka manase
uwomukinyi nibamureke bareke kumufunga yotubabaza atume ariha amande mugbo naje mugasho kuko karabbaza imana imurinde naje mugasho
22 Myandagaro 2016, 15:56, par Siméon Harerimana
Ahubwo Nibibazwe Se Kuko Umukinyi Ntakosa Ryiwe.
28 Myandagaro 2016, 22:27, par Eric Nizeyimana
Nibamurekeuwomukinyintacobamuhoraiyonintwarimumupirawamaguru