Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Lionel Messi yakiriwe n’umukuru w’igihugu ca Gabon Omar Bongo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Lionel Messi yakiriwe n’umukuru w’igihugu ca Gabon Omar Bongo

Lionel Messi yakiriwe n’umukuru w’igihugu ca Gabon Omar Bongo

samedi 18 Mukakaro 2015

Umukinyi rurangiranwa ava mu gihugu ca Argentine Lionel Messi ari mu rugendo mu gihugu ca Gabon, ku butumire bwa Ali Bongo Ondimba,mu gihe yashira ibuye rya mbere ku nyubakwa y’ikibuga kizokwakira inkino z ‘igikombe ca Afrika 2017.

Abicishije ku rubuga rwa tweeter,umukuru w’igihugu ca Gabon yamenyesheje ko ari umunezero kuba yashize ibuye rya mbere ku mushinge w’ikibuga ca Port-Gentil mu bumanuko bushira uburengero bwa Gabon ,ari kumwe n’umuntu adasanzwe nka Lionel Messi.

Omar Bongo yavuze ko ico kibuga ca Port –Gentil kizofasha cane mw’iterambere ry’igisagara mu gihe iryo higanwa rihuza imirwi nserukira bihugu vya Afrika CAN 2017 rizoba n’inyuma yaryo.

Bitegekanijwe ko Lionnel Messi ashika ku kibuga kiri ku murwa mukuru ahitezwe kubera urukino ruhuza igihugu ca Mali na Gabon,mu nkino zo gukuranamwo z’abakinyi bbadashikana imyaka 23 y’amavuko.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.