Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Lionel Messi yatowe nk’umukinyi wa mbere w’umwaka ku mugabane wa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Lionel Messi yatowe nk’umukinyi wa mbere w’umwaka ku mugabane wa (...)

Lionel Messi yatowe nk’umukinyi wa mbere w’umwaka ku mugabane wa Buraya

vendredi 28 Myandagaro 2015

Umukinyi w’umurwi FC Barcelona Lionel Messi niwe yatowe nk’umukinyi mwiza ku mugabane wa Buraya mu kiringo c’umwaka 2014-2015 atsinze Luis Suarez bakinana muri FC Barcelona na Cristiano Ronaldo akinira Real Madrid yari yagitwaye mu mwaka w’2014.

Lionel Messi yatsindiye FC Barcelona ibitsindo 58 mu nkino 57 atanga imipira 31 yavuyemwo ibitsindo, yagiye mu kibanza c’umukinyi yinjije ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa rya Espanye La Liga arushije Telmo Zarra yari afise ibitsindo 251.

Messi niwe yabaye umukinyi mwiza ku mugabane wa Buraya mu mwaka w’2015,ako gashimwe akaronse ku ncuro ya kabiri inyuma y’akandi yaronse hagati y’umwaka 2010-2011.

Lionel Messi yarushije amanota Luis Suarez bakinana mu murwi FC Barcelona yatsinze ibitsindo 25,atanga n’imipira myiza 24 yavuyemwo ibitsindo mu nkino 43 gusa,na Christiano Ronaldo yari yatwaye ako gashimwe mu mwaka uheze wa 2014.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.