Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Lionel Messi yibarutse umwana w’umuhungu agira kabiri - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Lionel Messi yibarutse umwana w’umuhungu agira kabiri

Lionel Messi yibarutse umwana w’umuhungu agira kabiri

samedi 12 Nyakanga 2015

Lionel Messi akinira umurwi FC Barcelona,n’umukenyezi wiwe Antonella Roccuzzo, bibarutse umwana wa kabiri w’umuhungu, baca bamwita Mateo.

Ikinyamakuru Goal catangaje ko kuwa gatanu igenekerezo rya 11 Nyakanga 2015,umukinyi Lionel Messi atitavye imyimenyerezo ari kumwe n’abandi bakinana kuko yari yajanye umukenyezi wiwe kwa muganga agiye kwibaruka mu gisagara ca Barcelona.

Umuvukanyi wa Lionel Messi, Matias Messi ni we yabaye uwa mbere yamenyesheje ayo makuru. Abicishije ku rubuga rwa Twitter yamenyesheje ko Messi yibarutse umwana wa kabiri w’umuhungu.

Kuba Lionel Messi yise umuhungu wiwe wa kabiri Mateo si ivyizanye,yamwise iryo zina kuko umugenzi wiwe Sergio Aguero yahoze ari umukwe wa Maradona nawe afise umwana yitwa Mateo,ari naco gituma yahisemwo kumwita iryo zina.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.