Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
LLB S4A yasezeye ihignwa CECAFA Kagame Cup itsinzwe na APR FC - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > LLB S4A yasezeye ihignwa CECAFA Kagame Cup itsinzwe na APR FC

LLB S4A yasezeye ihignwa CECAFA Kagame Cup itsinzwe na APR FC

jeudi 23 Mukakaro 2015

Umurwi Lydia Ludic Sport 4 Africa wasezeye ihiganwa rya CECAFA Kagame Cup inyuma yo gutsindwa n’umurwi APR FC wo mu gihugu c’Urwanda,ibitsindo 2 ku gitsindo 1.

Urukino rwatanguye igihe c’isaha icenda ku masaha yo Burundi.Igice ca mbere c’urukino caheze umurwi LLS4A,wahatswe gutsinda igitsindo ariko umupira ugarurwa n’umukinyi Rwatubyaye Claude wa APR FC.

Igitsindo ca mbere ca LLB S4A cinjiye ku munota wa 53 mu gice ca kabiri cinjijwe na Nahimana Abdul Aziz .

Inyuma y’iminota itanu gusa,APR FC yishuye ico gitsindo inyuma y’ikosa ryakozwe na Kiza Fataki,ateye umupira n’ukuboko,umuhagarikizi aca atanga Penaliti,itegwa na Sibomana Patrick kandi arayinjiza.

Igitsindo ca nyuma cahaye intsinzi umurwi APR FC cinjijwe n’umukinyi Bigirimana Issa urukino rugomba rurangire,gutyo urukino ruhera ku bitsindo 2 vya APR FC n’igitsindo kimwe ca LLS4A.

Lydia Ludic Sport 4 Africa isezeye ihiganwa ririko ribera i Dar Es Salam ifise amanota 2 gusa kuko mu nkino zibiri yatanguye gukina,nta rukino yatsinze,zose baranganije n’umurwi bakina.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.