Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Lolilo na Black-G baridogerwa na Jojo Paparazi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Lolilo na Black-G baridogerwa na Jojo Paparazi

Lolilo na Black-G baridogerwa na Jojo Paparazi

mercredi 3 Ndamukiza 2013

Mumpera z’indwi iheze umumenyeshamakuru Jojo Paparazi yari yateguye ibiteramo mu ntara ya cibitoke, ivyo biteramo yari yavuganye n’abaririmvyi batandukanye ko bazovyitaba, mu kuvyitabira baramwemerera mbere barabimenyekanisha kumaradiyo nokubicapo bamanika kumabarabara ,murabo baririmvyi harimwo Lolilo na Black-G.

Ubu rero icuka cabaye kibi hagati ya Jojo paparazi n’abo baririmvyi kuko bamuhemukiye ntibubahiriza amasezerano bari bagiranye.

Jojo paparazzi avugako bari bumvikanye ko bazoririmba ahantu hatatu nkuko yari yateguye ko hose abaririmvyi yari yaduganye muri iyo ntara bazokwitaba ivyo biteramo.

Lolilo na Black-G batanguye kutumvikana na Jojo Paparazi bakigera muri iyo ntara kuko bavuga ko Jojo ategerezwa kumenya ko ari umwana kuribo akabareka bagatunganya ibikorwa vyari bisigaye vyivyo biteramo.

Jojo abandanya avuga ko Lolilo na Black-G baririmvye ahantu habiri baca barigira ariko amakuru dukura mubari murivyo biteramo bavugako Lolilo ata kunzwe nagato muri iyo ntara kuko ivyo yakora vyose vyaboneka ko abikora atabishaka n’ikindi catumye bamwanka nukuntu yatanguye gukubita Jojo Paparazi.

Aba baririmvyi bavugako Jojo ariwe yabahemukiye kuko atabashoboye gushitsa amasezerano ngo bobo ntibari bazi ko bazoririmbira ahantu hatatu,iyo wumvirije bose wumva bariko baratanako amakosa umwe wese kuruhande rwiwe.

Nyene Hozanah place aho bashaka kuririmbira ubwanyuma avuga ko yagaye cane uko bitwaye imbere y’abantu kuko kubantu naho umuntu atakwiyubahiriza arubahiriza abandi .


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.