Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Londres : Umugore w’imyaka 60 yicishijwe imbugita - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Londres : Umugore w’imyaka 60 yicishijwe imbugita

Londres : Umugore w’imyaka 60 yicishijwe imbugita

vendredi 5 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Igiporisi c’igihugu c’Ubwongereza catangaje ko ata na kimwe batoye cerekana iterabwoba ku mugabo aturuka muri Somaliya yicishishe imbugita umugore w’imyaka 60, yongera akomeretsa abantu batanu. Ico giporisi kivuga ahubwo ko basanze uwo mugabo afise ingwara yo mu mutwe.

Mu matohoza ariko arakorwa, igiporisi cahagaritse umusore w’imyaka 19, mu gisagara ca Russel Square, hafi ya Kaminuza ya Londres, gikoresheje imishwarara ibabaza. Uwo musore apfungiwe ic’amaso mu bitaro biri hafi y’aho yafatiwe.

Ingingo yafashwe yo guha inkoho abaporisi bakorera mu mabarabara n’ingingo ifasha cane. VOA ivuga ko mu gihugu c’Ubwongereza, abaporisi benshi ata nkoho bagendana. Ingingo ibemerera kugendana inkoho abaporisi bashika ku bihumbi mirongo itatu n’umwe bo mu gisagara ca Londres izogumaho.

Umukenyezi yishwe yaturuka muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Batatu mu bari bakomeretse basohotse ibitaro, abandi babiri ntawuzi uko bamerewe.

Ubwo bwicanyi bwatumye harungikwa abaporisi batari bake mu mabarabara y’Igisagara ca Londres, kugira bahumurize bongere bacunge umutekano w’abanyagihugu.

Ubwo bwicanyi bwahuriranye kandi n’umunsi hari hafashwe ingingo yo kurungika abaporisi mw’ibarabara kugira bakinge ubwicanyi bw’iterabwoba.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.