Accueil > Amakuru > Rwanda > Lt Gen Karenzi Karake yarekuwe ivy’agateganyo
Lt Gen Karenzi Karake yarekuwe ivy’agateganyo
vendredi 26 Ruheshi 2015
Umuyobozi mukuru w’igendereza ry’Urwanda Lt Gen Karenzi Karake yarekuwe ivyo agateganyo na sentare ya WestMinister mu Bwongereza,ariko abanje kuriha ingwati.
Karenzi karake yarekuwe ivya gateganyo,arengutse ubwa mbere imbere ya sentare ya West Minister ariko akariha ingwati y’umuriyoni w’amafaranga akoreshwa mu gihugu c’Ubwongereza ,azoyasubizwa akoze ivyo yasabwe,kwitaba igipolisi iminsi yose,gutanga ibimuranga kuri police,gutanga ivyerekana aho aba n’ibindi.
Bitegekanijwe ko kw’igenekerezo rya 28 ukwezi kw’icenda ariho azosubira kurenguka, ariko itariki ikomeye ni iya 29 Gitugutu aho sentare izogenzura ko yoja kuburanishwa mu gihugu ca Espagne.
Lt General Karenzi Karake yafashwe kuwa gatandatu igenekerezo rya 20 Ruheshi,yagirizwa kuba afise uruhara rwahitanye abanyarwanda n’abandi bava mu gihugu ca Espagne mu gihe ca Genocide.
Messages
26 Ruheshi 2015, 11:20, par JEAN
NAHO YAREKUWE UMUNTU ARIKO ARAKWARAVYUMVIRIZA NTIYERA EE!!! NIVYO INTAHE NIMUKUBITE MUGAHANGA AMARASARAHUMA IYUJAHOSE ARAGUKURIKI NABANDI NIBABONEREHO KO ICAHA ARIKIBI
26 Ruheshi 2015, 11:50, par che
Ni vyiza cane, no kurekugwa agataha mu gihugu ciwe nta nkeka bizoba vuba.
26 Ruheshi 2015, 16:39, par RODRIGUE MUHUBIRI
REKA BABIKURIKIRANE IBYA LT GEN KARENZI KARAKE
26 Ruheshi 2015, 23:04, par kwizera aron
ndabuna karezi areagana
28 Ruheshi 2015, 07:08, par ilove.kiraryoshe
amakuru yuburundi
29 Ruheshi 2015, 07:08, par Shumbusho jonas
Lt gen karenzi karake wacu turamukeneye nibamurekure ntacyaia afite.