Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Lucky Draw ya LUMITEL : Uwuguze ama inite atsindira amafaranga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Lumitel > Lucky Draw ya LUMITEL : Uwuguze ama inite atsindira amafaranga

Lucky Draw ya LUMITEL : Uwuguze ama inite atsindira amafaranga

jeudi 16 Ruheshi 2016, par Jean De Dieu

Ishirahamwe ry’ugutumatumako LUMITEL ryatanguje kuva kuwa 25 Rusama 2016 Lucky Draw, ubuhinga bufasha abanywanyi b’iryo shirahamwe gutsindira amafaranga gushika ku bihumbi cumi vy’amafaranga y’amarundi, biciye mu gushira ama inite muri terefone ngendanwa.

Ubwo buhinga burashoboka kandi no ku banywanyi bakoresheja terefone « Agafixe » baguze ikarata y’ama inite.

Uko umunywanyi ashizemwo ama inite, aronswa biciye mu butumwa bugufi, akanyegezwabanga (Lucky code), ari nako kamufasha kwiyandikisha muri ubwo buhinga bwa Lucky Draw) mu gufyonda ku *800# hama 9. Ako kanyegezwabanga kamara iminsi mirongo itatu (30 jours) kuva umunsi umunywanyi ashiriyemwo ama inite.

Umunywanyi asabwa kubika neza ubutumwa bugufi (SMS) arungikirwa kuko ata bundi bushobozi bw’ukuronka akandi kanyegezwabanga (Lucky Code) mu gihe yoba yahanaguye ubwo butumwa bugufi aba yarungikiwe. Uko umunywanyi akoresheje ako kanyegezwabanga mu kurondera gutsinda, bimutwara amafaranga ijana akurwa muyo aba yashize muri terefone yiwe.

Mwomenya ko utunyegezwabanga twose tutakoreshejwe dutakaza agaciro.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.