IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Lumitel > LUMITEL irahumuriza abanywanyi bayo ku buciro vy’uguhamagara hanze (...)

LUMITEL irahumuriza abanywanyi bayo ku buciro vy’uguhamagara hanze y’igihugu

samedi 2 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

LUMITEL ifise ibiciro vy’uguhamagara mu mahanga bizimbutse vya mbere mu Burundi, yaba mu guhamagara canke kurungika ubutumwa bugufi (SMS) mu mihingo yose y’isi yose. Iryo shirahamwe ry’ugutumatumanako rihamagarira abanywanyi baryo kwijukira ako karusho.

Guhamagara mu bihugu nka Reta zunze ubumwe za Amerika, Canada, Ubushinwa hamwe n’Ubuhindi ni amafaranga 95 ku munota, igiciro gito ugereranije n’uguhamagarana hagati y’abanywanyi bo ku muhora wa LUMITEL. Kurungika ubutumwa bugufi muri ivyo bihugu harimwo na Congo-Brazzaville akaba ari amafaranga 90. Aho mukamenya ariko ko uguhamagara muri Congo-Brazaville ari amafaranga 1000 ku monota.

Ku banywanyi bafise incuti mu bihugu 11 arivyo Suède, Ubuhorande, Misiri, Ubudagi, Nigeria, Nouvelle Zélande, Uburusiya, Somaliya, Sénégal, hamwe na Emirats Arabes Unis, ubutumwa bugufi burungikwa ku mafaranga 170, mu gihe uguhamagara ku munota ari amafaranga 130 kubari Suède, 250 mu Buhorande na Nigeria, 350 kuri Misiri, 270 ku Budagi, 400 kuri Nouvelle Zélande na Emirats Arabes Unis, 150 ku Burusiya, 1100 kuri Somalie, hamwe n’amajana indwi kuri Sénégal.

Ku bahamagara muri Afrika y’epfo, umunota ni amafaranga 300, ubutumwa bugufi nabwo bukarungikwa ku mafaranga 150.

Ishirahamwe LUMITEL ryibutsa abanywanyi baryo ko abanywanyi ba LUMITEL hagati yabo bahamagarana ku mafaranga 120 ku munota.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.