Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
LUMITEL yatanze amakarata y’ukwivurizako ku banyagihugu 6000 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Lumitel > LUMITEL yatanze amakarata y’ukwivurizako ku banyagihugu 6000

LUMITEL yatanze amakarata y’ukwivurizako ku banyagihugu 6000

lundi 11 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

imfashanyo y’udukarata tw’ukwivurizako (Cartes d’Assistance médicale :CAM) ku banyagihugu ibihumbi bitandatu (6000) bantahonikora bo mu ntara zitatu arizo Makamba, Cibitoke, Kirundo niyo yatanzwe na LUMITEL kw’igenekerezo rya 4 Mukakaro. Abanyagihugu 2000 ku ntara imwe yose muri izo zitatu nibo bazohabwa iyo mfashanyo iharurwa yose hamwe mu mafaranga y’amarundi agera ku 29.485.600.

Agakarata ko kwivurizako gasanzwe gafashwa abanyagihugu kwivuza ku mafaranga make hamwe n’ukugura imiti mu gihe barwaye. Kubwa Muganga Josiane NIJIMBERE umushikiranganji w’amagara y’abantu, asanzwe yari yateye iteka ico gikorwa c’ugutanga utwo dukarata tw’ukwivurizako, iyo mfashanyo ya LUMITEL ije hageze, kuko nko mu ntara ya Makamba yonyene, ibice 34 kw’ijana vy’abanyagihugu aribo bonyene bakoresha ako gakarata mu kwivuza.

« Iyo ntara icarari inyuma tugereranije n’izindi. Nk’akarorero mu ntara ya Cankuzo, ibice 90 kw’ijana vy’abanyagihugu bakorersha ako gakarata. »

Kubw’umukenguzamateka Révérien Ndikuriyo, umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi, nawe nyene yari muri ivyo bikorwa, ishirahamwe LUMITEL ryerekana ko rishigikiye imigambi y’iterambere mu Burundi.

« Ishirahamwe LUMITEL ni rimwe mu bafasha ku rugero rwo hejuru umurwi nserukiragihugu w’Uburundi INTAMBA MU RUGAMBA.»

Lumitel yatanguye gukorera mu Burundi kuva mu kwezi kwa Ndamukiza 2015, rikaba ariryo rya mbere ryiyegereje abanywanyi benshi mu gihugu cose mu mwanya muto, ubu iryo shirahamwe rikaba riharura abagera kuri hafi umuriyoni umwe n’igice, ku bice 90 kw’ijana vy’ubutaka bw’Uburundi. Kuva kw’igenekerezo rya 24 Ruhuhuma 2016, LUMITEL ikaba yaratanguje mu Burundi umuhora wa internet wa 4G LTE (Long Term Evolution) au Burundi, abari mu gisagara ca Bujumbura hamwe no mu ntara za Gitega, Ngozi, Muyinga, Makamba na Rumonge bakaba baratanguye kuyikoresha.

Iryo shirahamwe ry’ugutumatumanako rikaba kandi ryaratanguje umugambi w’ugutanga internet ku buntu, ku mashure hamwe no ku bitaro. Amashure 42 yo mu ntara 17 akaba ariyo amaze kuronswa iyo internet yo ku buntu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.