Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
LUMITEL yazaniye abanywanyi uduseke dushasha twa internet - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Lumitel > LUMITEL yazaniye abanywanyi uduseke dushasha twa internet

LUMITEL yazaniye abanywanyi uduseke dushasha twa internet

lundi 29 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Mu ntumbero y’ukubandanya bazanira bishasha abanywanyi, mw’ishirahamwe ry’ugutumatumanako LUMITEL batanguje agaseke gashasha ka internet, gakoreshwa ku munsi, ku ndwi, hamwe no ku kwezi. Ako gaseke gashasha kagenewe bose imice yose y’abakoresha internet, iyo nayo ikaba igwijwe kabiri ku rugero rwa mbere.

Ku gaseke gakoreshwa ku munsi, ku mafaranga amajana atatu y’amarundi, (300Fbu), umunywanyi aronka Mb 50, aho akaba ari mu gihe ubwa mbere yaronswa Mb 25 gusa. Ku mafaranga amajana atanu (500Fbu), umunywanyi aronka Mb 100.

LUMITEL ntiyagarukirije aho, kuko umunywanyi akoresheje amafaranga igihumbi ku gaseke ko ku munsi (bouquet journalier), aronka GB imwe imara amasaha 24, hakaba n’akandi gaseke k’ijoro (bouquet nuité) k’amafaranga 299, kagafasha abanywanyi kwironkera GB imwe hamwe n’ubutumwa bugufi yipfuza kurungika bwose, kuva isaha zitandatu z’ijoro gushika isaha cumi na zibiri z’agatondo.

Ishirahamwe LUMITEL rihamagarira abanywanyi baryo kwijukira utwo duseke dushasha, hamwe n’utundi twahahora, mu kwandika *150# kuri ngendanwa yabo, canke babikurikirane ku rubuga ngurukanabumenyi rwa LUMITEL, arirwo www.lumitel.bi


IGIHE

Messages

  • Egome nivyiza kworohereza abanwanyi ,ariko conexion ya lumitel wapi ,ino iwacu i NYABIHANGA ntakigenda irikwega cane ,uwuba ashaka ivyihuta aca yikora kuri econet leo kuko yoyo conexion yayo ninkumuravyo ,abakozi ba lumitel tubasavye kuturabira icobivako bakakidutunganiriza,utwo turusho natwe ntituduce inyuma

  • Lumitel yari nziza ariko kubijanye na connection internet basubiye inyuma cane kuko i Gitega abari mu ma komine ategereye i gisagara duhitamwo gukoresha LEO canke SMART kugira tuganire ivyihuta nayo LUMITEL tuyikoresha ata vyihutigwa gusa, mwatworohereza ariko kwungura uburusho ata muvuduko mwongerako muragomba mubireke ntaco bitumarira

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.