Accueil > Ubuhinga bwa none > Lumitel > LUMITEL yazanye ubuhinga bwa IPLL : International Private Leased (...)
LUMITEL yazanye ubuhinga bwa IPLL : International Private Leased Line
lundi 30 Rusama 2016, par
Amashirahamwe y’ubuzi akomakomeye, ama banki hamwe n’ubuzi bwa Reta arashobora guhera ubu kwironkera internet yo ku rugero rwo hejuru, hakoreshejwe ubuhinga IPLL bwa Lumitel.
Ubwo buhinga bukoresha umuhora wa fibre optique usanzwe warakwiragijwe mu bisagara vyose bigize igihugu c’Uburundi.
Ubuhinga buzwi kw’izina rya IPLL (International Private Leased Line) butanga internet ikingiwe, idacikagurika, kandi ihurirana n’ivyipfuzo vy’uwuyikoresha mu kazi. Uturusho tw’iyo internet n’uko inyaruka cane kandi ikingiwe. Ibiciro vyayo biraciriritse kandi bikavana n’urugero rwa internet umunywanyi yoba yipfuza gukoresha.
Twobamenyesha ko uwukoresha ubuhinga bwa IPLL yirihira ibikoresho vy’ukumushikanira iyo internet, abakozi ba LUMITEL nabo bakora amasaha 24 kuri 24 bagasuzuma ko uwo munywanyi ata kibazo yigera agira mu gukoresha iyo internet, mbere bagashobora kwishikira mu buryo bunyaruka ahakorera uwo munywanyi, mu gihe hoba ikibazo c’ubuhinga.
IGIHE
Messages
23 Kigarama 2016, 03:58, par Karuswaze
IVYO NI IBIKI KURI JE NYARUCARI?Ntihari gutangura IPLL.Mu gihugu inzara izura inzara.IBICIRO UKO BIDUGA NTACO NOR6KA MVUGA.TURASHI...RA ATAGITESHA Babure no kunyarukira mu buhinga bwotuma abababashoboje gushikira ivyo bibanza bagandagajemwo badahonywa na kigoyi.