Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
LUMITEL yazanye ubwa mbere mu Burundi umuhora wa internet 4G - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Lumitel > LUMITEL yazanye ubwa mbere mu Burundi umuhora wa internet 4G

LUMITEL yazanye ubwa mbere mu Burundi umuhora wa internet 4G

mardi 15 Ntwarante 2016, par Jean De Dieu

Ishirahamwe ry’ugutumatumanako amakuru VIETTEL BURUNDI rikomoka mu gihugu ca Vietnam, rikaba rikorera mu Burundi kw’izina ry’ubudandaji rya LUMITEL, ryaratanguje umuhora mushasha wa internet 4G LTE mu Burundi.

Mw’itangazo ryasohoye kuri uwu wa 24 Ruhuhuma 2016, LUMITEL Burundi yamenyesheje ko yatanguje uwo muhora unyaruka ku muvuduko wa 100MBps, ku banywanyi b’iryo shirahamwe bo mu ntara zitandatu zigize Uburundi arizo Bujumbura, Gitega, Ngozi, Rumonge, Makamba, hamwe na Muyinga.

Internet 4G LTE ya LUMITEL ifasha kuraba amasanamu (vidéos), kuraba imboneshakure ku buhinga ngurukanabumenyi (Télévision en ligne), guhamagara umuntu muvugana mubonana (Appels vidéos), hamwe n’ugukora inama ku bantu bari kure na kure (Vidéo-conférences). Internet 4G LTE ya LUMITEL irafasha kandi guhanahana amakuru ku buhinga ngurukanabumenyi (Partages instantanés sur tous les réseaux sociaux).

Ishirahamwe LUMITEL rikaba ryatanze akaryo ku banywanyi bahora bakoresha internet 3G ko bashobora kuronka 4G ku buntu, akaba ari gushika mu mpera z’ukwezi kwa Ntwarante.

Kugira umunywanyi ashobore kuronka internet 4G, bisabwa ko aba afise ikarata simu ya 4G, akaba kandi afise terefone (Smartphone) ishobora kwakira internet 4G, terefone (Smartphone) L9501 canke akaba afise routeur 4G LR402, vyose bisanzwe biboneka mu mazu y’ubudandaji y’ishirahamwe LUMITEL ari mu ntara zitandatu z’Uburundi zibonekamwo uwo muhora 4G wa LUMITEL.

Viettel Burundi SA yatanguye gukorera mu Burundi muri Ntwarante 2015 kw’izina ry’ubudandaji rya LUMITEL. Kubera ubuhinga yatanguranye, LUMITEL yarashoboye gutanga imihora ku banyagihugu bagera ku bice 95 kw’ijana mu Burundi, ivyatumye mu mezi adashika atandatu gusa itanguye, LUMITEL ishobora kuba ifise abanywanyi baharurwa mu muriyoni, ibitari bwaboneke.

Mu gushikiriza ku ncuro ya mbere abanywanyi bayo internet 4G, LUMITEL yerekanye kandi ko ari umuhora ukomeye mu gutumatumanako amakuru mu Burundi, ibizofasha guhuza abanywanyi b’imice itandukanye, hamwe n’ukuba umushinge w’iterambere ry’ubutunzi mu Burundi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.