IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Lycée Municipal de Cibitoke : Ivyigwa vyatanguye ibibazo vy’abanyeshure (...)

Lycée Municipal de Cibitoke : Ivyigwa vyatanguye ibibazo vy’abanyeshure bidakemuwe

mardi 3 Munyonyo 2015, par egide

Abanyeshure bo kuri Lycée Municipal de Cibitoke basubiriye mu mashure, n’aho ibibazo vyari vyatumye bahagarika amashure bitatorewe inyishu.

Inyuma y’iminsi itanu umuyobozi w’ishure ryisumbuye rya zone Cibitoke mu gisagara ca Bujumbura (Lycée Municipal de Cibitoke) afashe ingingo y’ukurungika abanyeshure, mu kurindira inyishu ku bibazo abo banyeshure batuye uwo muyobozi, ivyigwa vyasubiriye gutangura kuri uwu wa kabiri, n’aho ivyo bibazo bitatorewe inyishu.

Abanyeshure bo kuri Lycée Municipal de Cibitoke bari banse kwinjira mu mashure kuva mu gatondo ko kuwa kane igenekerezo rya 29 Gitugutu 2015, bakamenyesha ko bafise amakenga ku mutekano wabo. Abo banyeshure bafise ubwoba kubera ikirindiro c’igiporisi kiri aho kuri iryo shure.
Abo banyeshure bamenyesha ko abantu baronderana n’abaporisi baza bagatera amagerenade, abo banyeshure bataha abaporisi bagaca babafata babagiriza ko aribo babatera ayo magerenade, canke bakabagiriza ko bashigikiye abo batera amagerenade.

Amakuru dukesha bamwe mu barezi bo kuri iryo shure Lycée Municipal de Cibitoke amenyesha ko mu nama yabaye hagati y’ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura hamwe umurwi wiga ico kibazo wari washizweho, ubwo buyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bwaranse ko ico kirindiro c’abaporisi cokurwa kuri iryo shure. Ayo makuru avuga ko ubuyobozi bwa komine Ntahangwa isanzwe irimwo iryo shure bwamenyesheje ko iryo shure atariryo ryotegeka ibijanye n’uko umutekano ucungwa mu Cibitoke.

Tubamenyeshe ko hari n’ikindi kibazo c’abo banyeshure kitatorewe inyishu, akaba ari ic’umunyeshure wo kuri iryo shure yafashwe n’igiporisi atwarwa mu kibanza kitaramenyekana, gushika n’ubu umuryango wiwe ukaba utaramenya irengero ryiwe.


IGIHE

Messages

  • Oyantivyarigukundako abajejwe umutekano bahakurwa! Ahubwo abobanyeshure barikuvugako abobantu bashaka guhangana nabajejwe umutekano wigihugu boronderwa bagatuzwa ahokwishure ryabo, nayokuvugango aba polisi nibabavire ruhande yishure womengo ununtuyojwumvako bavuzeko aba polisi bobavira ruhande yishure hakaguma abobantu babangamiye polisi!!! Bavyeyi murereye kwiryoshure muraraba abanabanyu ntibabe bafise amabwire ava ahantu habi kunjavyi.

  • Erega ivyo babishigwamwo nabaryanyene twe kuva1994-1999 abasirikare baba kumashure ntitwayamaze mumahoro nibasigeho bige ntakibazo bafashanye nabo gucunga umutekano wabo

  • Aho gutesha umutwe abo banyeshure bajye mumakambi mugwanda hanyuma umwicanyi kagame abahe nationalite. Turambiwe amayere yaba Sindumuja.

  • utwo tunyeshure nitwatumaraya turara muri boite ahubwo uwo muyobozi wiryo shure nace akurwa ubunyene hamwe n’umudwaye abarongoye bicitwa vuba ataruko utwo turaya tuzana amagrenade mwutwo dushakoshi turimwo ama prudence tuzohungabanya umutekano

  • Mbe aho abanyeshure mubahindira kwiga bacunzmwe nabo bicamyi ntibohava bakareka abana bakiga. sha abasoda bakera bo barabira umutekano bose si nkabo baporisi bishinga kwica abanyagihugu. Ariko Imana irababona kandi izohora abayo vuba.

  • Oyantivyarigukundako abajejwe umutekano bahakurwa! Ahubwo abobanyeshure barikuvugako abobantu bashaka guhangana nabajejwe umutekano wigihugu boronderwa bagatuzwa ahokwishure ryabo, nayokuvugango aba polisi nibabavire ruhande yishure womengo ununtuyojwumvako bavuzeko aba polisi bobavira ruhande yishure hakaguma abobantu babangamiye polisi!!! Bavyeyi murereye kwiryoshure muraraba abanabanyu ntibabe bafise amabwire ava ahantu habi kunjavyi.

  • Vyubu Biragoy Baheb Kakur Umu Police Kukazi Kiw Ahubwo Nibashengez Abo Babatera

  • IVyubu Bisigay Bigoy Baheb Bakur Umu Police Kukazi Kiw Ahubwo Nibashengez Abo Babatera

  • nivyiza kwemera kubandanya ivyirwa

  • NIVYIZA KO BIYUMVIYE GUSUBIRA GUTANGURA IMIRIMO.

  • None Kabuki Badashaka Kubaha Inyishu ?Ntimwari Gutangura Bataberetse Nuwo Munyeshure .Burya Wo Sanga Bagiye Kumwica .Ahubwo Nubu Nimuyitangure .Natwe Tubari Nyuma

  • None Kabuki Badashaka Kubaha Inyishu ?Ntimwari Gutangura Bataberetse Nuwo Munyeshure .Burya Wo Sanga Bagiye Kumwica .Ahubwo Nubu Nimuyitangure .Natwe Tubari Nyuma

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.