Accueil > Inkino > FOOTBALL > Lydia Ludic Academic ntiyorohewe muri Mali
Lydia Ludic Academic ntiyorohewe muri Mali
dimanche 19 Rusama 2013
Umurwi w’umupira w’amaguru Stade Malien yo mu gihugu ca Mali waraye utsinze umurwi wo mu Burundi Lydia Ludic, mu rukino rwabahuje ku musi w’ejo igenekerezo rya 18 Ndamukiza 2013, mu gisagara ca Bamako mu gihugu ca Mali.
Ku ntsinzi y’ibitsindo bitanu ku busa bwa Lydia Ludic Academic, umurwi wa stade Malien vyarabonetse ko worohewe cane mu kibuga cawo.
Uwo murwi wa Stade Malien ukaba ariwo watahukanye ico gikombe bariko barahiganirwa mu mwaka w’2009.
Mu kurindira urukino rwo gusubiriza ruzobera mu Burundi mu kiringo c’indwi zibiri, twobamenyesha ko umurwi Lydia Ludic Academic wo mu Burundi ariwo wakuyemwo igihangange Asec Mimosa yo muri Cote d’Ivoire.
Egide Nduwimana
Messages
19 Rusama 2013, 07:02, par Didier
Nta kundi. Ariko vraiment félicitations ku bakinyi ba LLB academic. Intambwe bari bagezeko irashimishije. turabakeje kubona mwarakuyemwo basi imirwi rutura nka Asec Mimosa, daring club Motema Pembe y’i kinshassa. Mwarakoze
19 Rusama 2013, 09:03, par iteka
turakeje umugwi LLB kandi ntibavunike inkokora intambwe mwagezeko mwerekanye ko muri umugwi udahobahoba turabakeje
20 Rusama 2013, 05:41, par schaaaaaaa
ugukururamwo imirwi ikomakomey nivyiz ntawutibishima so nibikaz bater baj imber kuruta kugira bazan igikombe naco imuhira p666666666666