Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Lydia Ludic Burundi yiteguriye urukino rwo gusubiriza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Lydia Ludic Burundi yiteguriye urukino rwo gusubiriza

Lydia Ludic Burundi yiteguriye urukino rwo gusubiriza

vendredi 12 Ndamukiza 2013

I Bujumbura harategekanijwe urukino ruzohuza umurwi wa Lydia Ludic Burundi Academic FC (LLB Academic) n’umurwi wa Daring Club Motema Pembe ( DCMP) wo mu gisagara ca Kinshassa kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 14 Ndamukiza 2013 ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore.

Umurwi DCMP w’ i Kinshassa waramaze gufata indege ibashikana mu Burundi, mu gisagara ca Bujumbura gutana mu mitwe na LLB Academic FC.

Mu mateka y’uwo murwi wo gihugu ca Congo, bagira indwi mw’ihiganwa ryo mu gihugu cabo, bakaba baheruka kubura abakinyi batatu mw’isanganya ry’umuduga.

Tubibutse kandi ko uwo murwi uje mu rukino rwo gusubiriza inyuma yaho batsindiye LLB Academic FC igitsindo kimwe ku busa mu gihugu ca Congo, ku kibuga citiriwe abamaratiri.

Amakuru dukesha Burundi-agnews


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.