Accueil > Inkino > FOOTBALL > Lydia Nsekera ku rutonde rwabashobora gusubirira Sepp Blatter
Lydia Nsekera ku rutonde rwabashobora gusubirira Sepp Blatter
mercredi 3 Ruheshi 2015
Inyuma y’aho ku mugoroba wo kuwa kabiri igenekerezo rya 2 Ruheshi,Sepp Blatter yahora arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA amenyeshereje ko atanze imihoho,urutonde rw’abashobora ku musubirira ruramaze kuja ahabona.
Amakuru dukesha ikinyamakuru co muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika The New York Times,amenyesha ko abantu batandatu aribo bashobora gusubiririra Sepp Blatter.
Muri abo batandatu harimwo umurundikazi Lydia Nsekera,umukenyezi umwe kandi w’umwirabure ari mu rwego nshingwantwaro rw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA.
Kuri urwo rutonde,Lydia Nsekera yahoze arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi kuva mu mwaka w’2004 gushika mu mwaka w’2013 ari kumwe na Prince Ali bin al-Hussein yahiganwe na Sepp Blatter mu matora yabaye kw’igenekerezo rya 29 Rusama,Michel Platini arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ku mugabane wa Buraya.
Abandi bari kuri urwo rutonde ni David Gill yahoze arongoye umurwi Manchester United mu Bwongereza,Sunil Gulati arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Luís Figo yabaye umukinyi rurangiranwa ku mugabane wa Buraya.
Mwomenya ko Sepp Blatter yatanze imihoho inyuma y’iminsi itatu yonyene atowe ngo arongore FIFA ku ncuro ya gatanu,imvo yibazwa akaba ari ibiturire bivugwa mw’ishirahamwe FIFA.
Messages
3 Ruheshi 2015, 12:09, par IRANKUNDA GERARD
Twoshima caneee aramuts atow ngo arongore FIFA
3 Ruheshi 2015, 14:25, par vespucci
ARIKO BIRASHOBOKA?NTAWOMENYA.ARIKO AKARUSHO NTIKOBURA MU KARERE MURI RUSANGI KU BURUNDI EN PARTICULIER.TSINDA TSINDA!
3 Ruheshi 2015, 14:26, par vespucci
ARIKO BIRASHOBOKA?NTAWOMENYA.ARIKO AKARUSHO NTIKOBURA MU KARERE MURI RUSANGI KU BURUNDI EN PARTICULIER.TSINDA TSINDA!
3 Ruheshi 2015, 14:27, par vespucci
ARIKO BIRASHOBOKA?NTAWOMENYA.ARIKO AKARUSHO NTIKOBURA MU KARERE MURI RUSANGI KU BURUNDI EN PARTICULIER.TSINDA TSINDA!
3 Ruheshi 2015, 14:47, par Ndayiragije J. Marie
Ryoba ari iteka rinini cane kuburundi, uburundi bwoca bumenyekana cane mumakungu.
3 Ruheshi 2015, 14:47, par mbaza
iyo nindoto y’umusazi arota atoragura imodoka mwiyarara
3 Ruheshi 2015, 15:04, par bakome
aba dd bari bazi ko bagukubise hasi none uhembwa gusumbya president hhhhhiiiii hhhhhhaaaaaa ngaho bagiye kuguha na fifa umwanzi agucira urwobo Imana ........
3 Ruheshi 2015, 15:38, par kwizera cynthia
courage Lydia nsekera turinyuma yaw
3 Ruheshi 2015, 15:41, par kwizera cynthia
Courage Lydia nsekera turinyuma yawe.abakobwa turashoboye
3 Ruheshi 2015, 19:08, par Mumpe
Honyene urumwirabure bakwita inkobe ngo wohiganwa nabo! reka kwirusha nukwihema nkabagomba guhiganwa na Nkurunziza ndarivuze je mwana wa mutama
3 Ruheshi 2015, 19:54, par Bizimana
Courage madame
3 Ruheshi 2015, 19:57, par Ally
Komera Lydia turi nyuma yaw
3 Ruheshi 2015, 20:00, par Ally
Komera komera
3 Ruheshi 2015, 20:15, par musawuza
jewe nabanye nubwoko bwose kwibara ryurukoba nabonye gukumirana bibaho.ariko sitegeko. Nabandanye ntimwibuka martin lutterking ? Kubera ari brack ntaco bitwaye. Aruko south afca ntibari kwica bene wabo babirabure.
3 Ruheshi 2015, 21:00, par Déogratias SINZINKAYO
Va de l’avant, chère compatriote. Nous te souhaitons bonne chance. Ce serait une première un honneur pour le Burundi: Une Burundaise à la tête de la FIFA. Laissons-nous rêver.
3 Ruheshi 2015, 22:25, par cong
umurundi kazi arongora fifa ari FIFA y amoko sawa kuko ntakindi kibera i burundi
4 Ruheshi 2015, 04:56, par Nahimana Jean marie Said
Komera nyabuna urugamba uzorutsinda turazi ko urintwari ni iwacu mu burundi washoboye ivyananiye abagabo benshi nubu nta nkeka urugamba uzorutsinda
4 Ruheshi 2015, 08:24, par NDABIVUGE
uyko muntu yiyita mumpe niwawundi yanyuzwe n’amacakubiri yubwoko bwose gushika no ku giysina .Mbega wa muhimbiri we wibagiye ko ari we atwarwego rumu pira w’amaguru kw’isi? akaba muti batanu bambere kw’idi muri CIO akaba muri comité executif ya FIFA? We utwariki? atarayo macakubiri azokwica?
4 Ruheshi 2015, 08:26, par NDABIVUGE
uyko muntu yiyita mumpe niwawundi yanyuzwe n’amacakubiri yubwoko bwose gushika no ku giysina .Mbega wa muhimbiri we wibagiye ko ari we atwarwego rumu pira w’amaguru kw’isi? akaba muti batanu bambere kw’idi muri CIO akaba muri comité executif ya FIFA? We utwariki? atarayo macakubiri azokwica?
4 Ruheshi 2015, 09:25, par M23
bozokubwira kuri i gorille!urabafyinako wew
4 Ruheshi 2015, 09:31, par nurungb
guhiganw nivyo bigabo ndakwemey pe,bereke ko abarundi atabwoba bapfira mu migambi.hama intsinzi ikurikire .uburundi butazwi mu makungu buhez bumenyekane
4 Ruheshi 2015, 12:41, par Bernard Niyonkuru
Gira amahoro mupfasoni wijunja n’ijambo. Ndaguteye intege ndakwifuriza insinzi. Ndizeye kandi ko bishoboka. Urushijwe naho ntakibazo uguma uri INTWARI. Komera kubutwari n’ubutore bwawe
4 Ruheshi 2015, 16:23, par mckay
Komera Mupfasoni Lydia! Ndakwifurije gutogwa userukire mu makungu Abarundikazi. BONNE CHANCE !!! GO AHEAD !!!
5 Ruheshi 2015, 05:41, par Ngezahayo Hamial
Komera! Duserukire Natwe Mu Burindi; Imana Irakubona Uzotorw 100/100
5 Ruheshi 2015, 20:41, par Ngezahayo Hamial
IYOYOBA IMANA YODUFASHIJE MUGATSINDA!KOMERA NDAZI IMANA IZOBIKORA!BONNE CHANCE!!! BONNE CHANCE!!!!!!THE GOD LOUCK YOU!
8 Ruheshi 2015, 15:04, par mahoro
Uwu muntu yiyita bakome ngirango ntaba iburundi none ko uvuze ngo ahembwa gusumba presidant none wagomba abe muri fifa yongere atware ffb nibaza ko hari ikindi wagomvye kuvuga gusa ndamwifurije amahirwe yo gutsinda nacane cane ko ari umugore wenyene arimwo.
11 Ruheshi 2015, 14:17, par BAZOGENDA BARARWIRAW
Mbe yemwe twoterwa iryo teka????
12 Nzero 2017, 19:46, par Martin Nduwayo
Iyo ndayishimye, uwo murundikazi Lydia Nsekera natorwe kuko ni intwari.