Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Lynda Brown Kana, umukinyi w’amareresi
Lynda Brown Kana, umukinyi w’amareresi
samedi 28 Nyakanga 2013
Mu Burundi umwuga wo gukora amareresi uriko uraterimbere buke buke. Abafise ingabirano nabo baza baraboneka uko imisi iza irahita. Lynda Brown Kana, ni umurindikazi akina amareresi, abakunzi b’amareresi y’abarundi bakunze ku mubonamwo. None yoba ari nde?
- Lynda Brown Kana
Lynda Brown Kana ni umurundikazi akina amareresi. Yavukiye muri komine ya Cibitoke iri mu gisagara ca Bujumbura kw’igenekerezo rya 5 Gitugu 1989. “Ndi umuhererezi mu muryango w’abana babiri”, niko yagize (n’agatwengo ku munwa) aho yaha ikiganiro ikimenyashamakuru canyu IGIHE. Lynda Brown Kana yatanguye ishuri afise imyaka 5. Yiga mu Burundi hama mu Rwanda. Yahereje amashuri yisumbuye mu gihugu ciwe c’amavukiro mu gisata c’ubuhinga bwa none bita Informatique de getion mu 2009. Ubu akaba ageze mu mwaka wa 4 muri kaminuza Hope of Africa mu gisata ca Psychothérapie.
- Lynda Brown Kana
Nkuko yabitwiganiye, Lynda yatanguye ugukina ivyese akiri mu mashure mato mato. Ari mu mashure yisumbuye naho akaba yaramaze imyaka 3 mu murwi « Mfise agakiza ». Uwo murwi nawo ukaba ukina ivyese hamwe n’udukino twahoze duca ku mboneshakure. Ni umurwi w’ishengero rya Eglise Vivante ry’i Bujumbura. Ugukina mu mareresi yabitanguye neza na neza mu mwaka 2008. Uwo mwaka yakinye mw’ireresi yitwa « Journal d’un coopérant » yanditswe n’umunya canada yitwa Robert Marin. Inyuma y’imyaka 2, mu 2010, Lynda Brown yakinye mw’ireresi yitwa « L’Avortement » y’uwitwa Evrard Ngendakumana. Iyo reresi ikaba yatumye aronka agashimwe k’umukinyi yakinye neza mw’isabukuru mpuzamakungu ry’amareresi FESTICAB mu 2011. Kuva ubwo yaciye atangura kumenyekana anakina mu mareresi atari make. Muri FESTICAB y’umwaka 2013, yarasubiye gutorwa nk’umukinyi w’amareresi yakinye neza. Aho yari yakinye ireresi yitwa « SANA » ya Floriane Kaneza. Ireresi yavuga ibijanye n’ubuzima bwa Lynda nyene.
- Lynda Brown Kana
Ayandi mareresi Lynda Brown Kana amaze gukinamwo ni aya akurira :
The Crook, ireresi y’uwitwa Pascal Buyoya qui yaronse agashimwe k’ireresi ifise imasanamu meza FESTICAB 2011;
La chasse d’eau, ireresi ya Dacia Munezero ;
Femme fatale, ireresi y’uwitwa Thierry Lusembule. Iyo akaba yayikinyemwo aho yari yitavye isabukuru ry’amareresi y’urukundo mu Bubirigi.
Ubu n’ejo, udukino duca ku mboneshakure y’Urwanda ;
50 œuvres, 50 bétises y’uwitwa Gratia Ndikumana ;
Welcome Home ya Joseph Ndayisenga;
Au-delà des collines, ireresi yakozwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitwa La Benevolencija ;
Fier de moi, ireresi ya Yannick Ndayisaba ishirwa ku mugaragaro u muhingamo w’uyu wa gatandatu.
- Lynda Brown Kana
Lynda Brown Kana nkuko yatubwiye, arakunda kuraba amareresi y’abayapani kugira yige gusumba ukuntu umuntu akina. Uwo mwigeme w’imyaka 23, arakunda cane kuraba amareresi hamwe n’umuziki. Lynda ati : « Nsinerekwa amazu y’ubutambiro ariko karaoke ibandanya gushika mu gatondo ndayikunda ». Lynda aroroherwa cane no kumenya indimi, ingabirano avugako akensha umuvyeyi wiwe. Azi indimi 6 : ikirundi, ikinyarwanda, ikiganda, igifaransa, icongereza hamwe n’ilingara(bukebuke). Léonce Ngabo yagize ati : « Ingabirano yo gukina ya Lynda ayikensha abavyeyi biwe». Kukaba nkako, inakuru niwe yakinye ari nyina wa Gito mw’ireresi « Gito l’ingrat » ya Léonce Ngabo.
INGABIRE Luc-Noël