IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Mabayi : Abashikiwe n’impanuka y’imvura y’isegenya baronkejwe imfashanyo

Mabayi : Abashikiwe n’impanuka y’imvura y’isegenya baronkejwe imfashanyo

lundi 10 Ruhuhuma 2014

Mu ntara ya Cibitoke, komine Mabayi, imvura ivanze n’imiyaga y’igihuhusi yarasinzikaje abanyagihugu bo muri iyo komine. Iyo mvura rero ikaba yaraguruye amabati, imirima itari mike nayo iratwarwa. Ni muri iyo ntumbero umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza, abicishe kuri bamwe mu bahanuzi biwe yarungitse agafashanyo kagizwe n’imfungurwa.

Imvura y’isegenya yaraye yihaye inkumbi mu gisagara ca Bujumbura yari imaze iminsi igwa ku mitumba 10 yo muri komine Mabayi ariyo Nyagaseke, Rushiha, Rumvya, Nyabungere, Gakerekwa, Muhungu, Mageyo, Rungogo, Kabere, Mayuki. Amahegitari 2500 y’imirima nayo nyene yarononekaye. Imiryango y’abantahonikora igera ku 250 ikaba yarakozweko cane. Muri iyo miryango rero, 18 niyo yashoboye kuronka kuri iyo mfashanyo.

Nk’uko bimenyeshwa na Pascal Kumbuga, umuhanuzi ajejwe guhana amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu, haheze indwi zibiri Petero Nkurunziza agendeye komine ya Mabayi. Umukuru w’igihugu yari yabemereye ko azobarungikira agafashanyo. Iyo mfashanyo ikaba yavuye mu mirima yiwe yo mu ntara ya Ngozi. Uwo muhanuzi Kumbuga Pascal akaba yahanuye abo baronse izo mfungurwa ko bokurikiza ako karorero kugira nabo bazofashe abandi.

Iyo mfashanyo ikaba yari igizwe n’amachou 120, ibitoke 159, inanasi 1922, itoni 2 z’ibiraya. Umuryango umwe wese ukaba yaronkejwe igitoke, ishu imwe, inanasi 6 hamwe n’ibiro 7 vy’ibiraya, nk’uko bimenyeshwa na Yohani Mariya Hakizimana, musitanteri wa komine Mabayi.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.