Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Machar ntiyiteguriye guhagarika indwano - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Machar ntiyiteguriye guhagarika indwano

Machar ntiyiteguriye guhagarika indwano

mercredi 1er Nzero 2014

Impande zose ziriko zirarwana mu gihugu ca Sudani y’Epfo zemeye guhura mu biganiro vy’amahoro mu gihugu ca Ethiopia ariko Riek Machar we avuga ko atavyo guhagrika imirwano baravugana.

Yanavuze ko ingabo ziwe zigaruriye igisagara gikomeye ca Bor cari mu minwe y’ingabo za Reta, ariko ibi rero bikaba bitaremezwa, ndetse n’abanyagihugu canke amashirahamwe yigenga ari muri ako gace, akaba ataco arabivugako. Abarwanyi bakaba bateye ico gisagara hasigaye amasaha make kugira igenekerezo ntarengwa ryari ryatanzwe n’abakuru b’ibihugu bo mu karere k’Afrika y’Ubuseruko yuko impande zose zibwirijwe kuba zahagaritse indwano, atari ivyo naho, bakaja gutabara.

Machar rero akaba yari yamenyesheje ko atazohagarika indwano, mu gihe bamwe mu bayoboke biwe bari bakiri mu mabohero, kandi akavuga ko n’ibiganiro atageza kuvyitaba.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.