Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Macky Sall yagizwe umuhuza mu biganiro vy’Abarundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Macky Sall yagizwe umuhuza mu biganiro vy’Abarundi

Macky Sall yagizwe umuhuza mu biganiro vy’Abarundi

mardi 9 Ruhuhuma 2016, par egide

Umukuru w’igihugu wa Sénégal Macky Sall yagizwe umuhuza mu biganiro vy’abarundi, akaba azofashanya n’abandi bagenwe n’umuryango w’ubumwe bwa Afrika aribo umukuru w’igihugu wa Mauritanie Mohamed Ould Abdel Aziz, umukuru w’igihugu wa Gabon Ali Bongo, umukuru w’igihugu wa Afrika y’epfo Jacob Zuma, hamwe n’umushikiranganji wa mbere wa Ethiopie Hailemariam Desalegn.

Mw’itangazo umuryango w’ubumwe bwa Afrika wasohoye, bamenyesheje ko izo ntumwa zitowe mu ntumbero yo gushira mu ngiro ivyasabwe n’inama y’abakuru b’ibihugu na Reta iherutse kubera i Addis Abbeba muri Ethiopia. Izo ntumwa zizoba zizanwe n’ukuganira na Reta y’Uburundi, n’abandi bose begwa n’ikibazo c’Uburundi, ku bijanye n’ibiganiro n’abatavuga rumwe na Reta, hamwe n’irungikwa mu Burundi ry’abasirikare b’umuryango w’Ubumwe bwa Afrika (MAPROBU), mu gihe Reta y’Uburundi yovyemera.

JPEG - 60 ko
Macky Sall, umukuru w’igihugu wa Sénégal

Izo ntumwa zigizwe n’abakuru b’ibihugu bahagarariye uturere dutanu twa Afrika, Afurika ya ruguru, amajyepfo ya Afrika, Afrika y’uburengero, Afrika yo hagati, hamwe na Afrika y’ubuseruko.

Bitegekanijwe ko uwo mu murwi wo ku rwego rwo hejuru wagenwe uzokwishikira mu Burundi, ariko iryo tangazo ry’umuryango w’ubumwe bwa Afrika rikaba ritamenyesha igenekerezo ryo muri uku kwezi kwa kabiri, izo ntumwa zizozirako.


IGIHE

Messages

  • IVYOMUBURUNDI DUKOMEZE DUSENGE NONE AKAKANYA MUSEVENI YANANIWE?IKINTU MUGOMBA MUBURUNDI KIZOTEBA KIMENYEKANE ICANYUMA MUMENYEKO INKONITARUZWA

  • Abarundi Turarushe Dusaba Reta Y’uburundi N’abo Batavuga Rumwe Kurengera Inyungu Zabo Bashire Ineza Yumunyagihugu Imbere Abarundi Turarushe.Abo Bahuza Nabo Ntibahengamire Kuruhande Rumwe

  • Ikijuju Ciyita NTAGOHEKA ,Ikitarurizwa n’IMANA GUSA

  • ibi nivyiza nibabanze baze bumvikane nareta kubizoganirwako ivyarivyo nokubazotumirwa, apana kuguma bashirimbere cnared ukamengo nibo barundi bonyene. aba bakuru bibihugu barubaha ubwigenge bwuburundi birumvikanako batazoshigikira amagaburanyama, sinka musevini we apfa gusakiranyibintu atazi. karibu batama mubanze mupange ukuntu bizogende murikumwe nareta yitorewe nabenegihugu....

  • MBE WEWE WIYITA IRIBUKA KUHARIRIYE MGWINKONIRARUZWA IYABA YARUZWA WAMUSI MUKUBITA COU DETAT KOMWATAMBIRA KURI BURENDE MURIRIMBA NGO TWAYIMESHE NTUBONA KOMWACIYE MUPFA MWIRUKA?UBU MUGEZE KWIRIR INTETE NUBUYI IMAHAMA KWAKAGAME INKONA NAYO IGASIGARIHANGAMYE NCUTI YANJE ZIMURUKA INKONA NTIYARUZWA KIRAZIRA

  • mushingantahe IRIBUKA. N, ukuri twese turamaze kubona ko ivyo ico ciyita INTAGOHEKA Kivuga ari ivyo ikigugu nyene. gijwirikira nk, intama.

  • Ikibazo c’uburundi kibaye ndanse??? None abarundi ntibashoboye kwikemurira ibibazo vyabo?? Ah, ndabona batorohewe na gato.

  • NDARIVUGE NDARISUBIRE INKONA NTIYARUZWA. MUKINDA MUGARAMYE. MUKINDA MWUBAMYE,MUTAMA WACU AGUMA KW’I VOLANT KUKO NI IMANA YAMUTWIHEREYE NI NAYO IZOMUZIGAMA

  • NDARIVUGE NDARISUBIRE INKONA NTIYARUZWA. MUKINDA MUGARAMYE. MUKINDA MWUBAMYE,MUTAMA WACU AGUMA KW’I VOLANT KUKO NI IMANA YAMUTWIHEREYE NI NAYO IZOMUZIGAMA

  • MASO EKURIMASO NYENE IYOWANDITSUVUGA NGO NDIKIJUJU NGO NKWIRIKIRA NKINTAMA JEWE NAWEWE UWUKWIRIKIRA NKINTAMA NINDE KOMBONA ABESHI BAFISIVYIYUNVIRO NKIVYO VYAWE BARIKO BAGWARIRA KWASHI MUMAKAMBI YIMPUNZI ABANDI NABO BAGENDA BARABUNDABUNDA NANJE NKAGENDA NEMYE NKA I I WUNVIKIGUGU JEWE NAWE ARINDE?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.